Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Imitwe yashushe ku kiringo ca gatatu ca Joseph Kabila - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Imitwe yashushe ku kiringo ca gatatu ca Joseph Kabila

RDC : Imitwe yashushe ku kiringo ca gatatu ca Joseph Kabila

mardi 8 Mukakaro 2014

Umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Joseph Kabila, yagenye abaja muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro bashasha mu gihe hasigaye imyaka ibiri kugira ikiringo ciwe kirangire.

Muri abo bagenywe, bamwe bakaba ari abigisha mu gisata c’amategeko muri za kaminuza, abandi nabo bakaba ari abahoze ari abacamanza hamwe n’abari basanzwe bari muri ayo mabanga. Muri ico gihugu bikavugwa ko ari irya mbere hagenywe mu mabanga abantu nk’abo, mu gihe nk’iki, aho bigaragara ko hari akantu kinyegeje inyuma, nk’uko vyandikwa n’umwe mu bamenyeshamakuru b’iradiyo OKAPI, ikorera muri ico gihugu.

Ariko rero naho harimweo abagenywe bakomakomeye bize amashure akomakomeye mu za Buraya, ndetse bakaba bari baranaranguye amabanga adasanzwe muri ico gihugu nka Felix Vunduawe yabaye icegera c’umushikiranganji wa mbere kuri Mobutu, bikagaragara ko umukuru w’ico gihugu ariko akora ibishoboka vyose kugira ashobore kuronka uko yotwara ikiringo ca gatatu, na rirya abatandukanye muri ico gihugu bamaze kumenyesha ko bamwiyamirije, badashaka gusubira kumwumva aramutswa ico gihugu inyuma y’ikiringo ciwe kigira kabiri. Muri abo, abasenyeri bo mw’ishengero Katorika muri ico gihugu, bakamusaba kutitoza, canke bakazoca bahamagarira abakirisu babo kumwiyamiriza mu mabarabara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.