IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > RDC : Joseph Kabila yasabiwe kurengutswa imbere ya sentare mpuzamakungu (...)

RDC : Joseph Kabila yasabiwe kurengutswa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha

samedi 19 Mukakaro 2014

Urunani rw’imwe mu migambwe n’abari mu mashirahamamwe atavuga rumwe n’ubutegetsi bwo mu gihugu giharanira intwaro rusangi ya Congo, basaba Barak Oboma n’amashirahamwe mpuzamakungu ko bobwiriza ubutungane bukarengutsa umukuru w’igihugu Joseph Kabila, agacibwa urubanza.

Urwo rurani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na Reta, rusaba ko Joseph Kabila yorengutswa imbere y’ubutungane, ku vyaha vy’ubwicanyi bw’agahoberabunwa yagirizwa.

Muvyo Joseph Kabila yagirizwa, harimwo urupfu rw’abamenyeshamakuru batandukanye hamwe n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Muri abo bahohotewe, harimwo uwitwa Floribert Chebeya yahanira agateka ka zina muntu yagandaguwe bunyamaswa.

Muvyo urwo rurani rwasavye umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, Barak Obama hamwe n’indongozi zo mu nama mpuzamakungu y’umutekano, basaba ko Joseph Kabila yorengutswa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Kubw’urunani UDPS, UNC n’ayandi mashirahamwe akora nkayo, Joseph Kabila ari kw’isonga ry’ubukene, ubunyonyezi n’ugusahura amatungo y’igihugu birangwa mu gihugu giharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Mwomenya ko Joseph Kabila yasabiwe n’abo batavugarumwe gukurwakwo icubahiro c’ubutegetsi afise, hama arenguke imbere y’amateko kubazwa ivyo yagirizwa. Lambert Mende Omalanga, umuvugizi wa Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo akaba ataco yashimye kugira ico avuze ku ruhande rw’umukuru w’igihugu Joseph Kabila.


Mariella Bukuru

Messages

  • Na Nkuru nibamurengutse kuba FNL yamaze

  • KABILA tu
    razi ko Aringaho kunyunguziwe yibagirayuko igihugu nicabanyekongo siciwe Nukuri niyitaba ubutungane bakamucira urubanza iyoniyo DEMOCRACI yukuri nibamurekanaho bisigurayuko CONGO izokwama isesa Amaraso imisiyose kandi izina Democraci ninkubusa kuva arikubutegesi gushika ubu uravye Abanyecongo ukuntubarikobarahangahika nukuri namarira kandi bafise Igihugucabo cihifise kandi cikwije muncamake bamwambure ubutegesi vyihuta

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.