Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC-Kivu: Gufata kunguvu abakenyezi cabaye ikigwanisho co mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > RDC-Kivu: Gufata kunguvu abakenyezi cabaye ikigwanisho co mu (...)

RDC-Kivu: Gufata kunguvu abakenyezi cabaye ikigwanisho co mu ntambara

mercredi 9 Nzero 2013

Muganga Denis Mukwege ashobora kuba yaravuye abakenyezi bagera ku 4.0000 nkuko yabishikirije.Kuva aho bagombeye kumwica mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu umwaka wa 2012 ubu ari mu gihugu c’u Bubirigi.

Mu gihe yari aciye mu gihugu c’u Bufaransa uwo muganga w’umunyekongo yarabajijwe n’’itororokanirizo ry’’abafaransa AFP aho bamubajije kucatumye barondera kumugandagura.Ati ico azira ni uko avura akanakurikirana abakenyezi bafashwe ku nguvu nkuko yavyivugiye yiterera inkuru akoresheje ijambo″ gukora abakenyezi″ .

Muganga Mukwege rero ngo naho ari mu gihugu c’u Bubirigi ngo n’ubuhungiro ivy’infata kibanza kuko ngo ntashobora guheba abo bagwayi biwe amaze imyaka 16 akurikirana.Akaba yamenyesheje yuko abwirizwa gusubira muri Kivu ngo kuko ikibanza ciwe ariho kiri.

Muri kino gihe muganga Denis Mukwege akaba atembera mu bisagara vya buraya kandi akaba aza arasigurira abantu ingorane abakenyezi n’abana bo mu buseruko bw’igihugu ca Congo barimwo.Igihe yaca mu gihugu c’’u Bufaransa ,iyo ntungane yo muri RDC yarabonanye n’’umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’u Bufaransa Valérie Tierweiler akaba yamubariye yuko mu ntara ya Kivu bica bakongera bagafata abana ku nguvu ariko bakabikora mu buryo bwihishije.

Ivyo rero bikaba vyatumye haba ikiganiro mu Bufaransa ikabayitabwe n’abatari bake harimwo Muhammad Ali na Jacques Chirac bakaba barateye akamo ishirahamwe mpuza makungu kugirango bakurikiranire hafi ibibera mu buseruko bwa RDC.

Abitavye ico kiganiro bakaba basavye amakungu ngo basabe bashimitse ingabo za Monusco ziri muri RDC kurangura neza ivyo batumwe.Ivyo navyo akaba ari uguhagararira amahoro n’umutekano ndetse n’ukwubahiriza agateka ka zinamuntu.

Mu gihe muri RDC hari abasirikare bagera kuri 693 bagiye guhagararira amahoro muri RDC ntivyabujije ko abagwanyi b’umuhari M23 bifatira igisagara ca Goma hari kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa Munyonyo umwaka uheze wa 2012.Muganga Denis Mukwege yarangije avuga ko abanyagihugu basa n’abahebwe.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.