Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: M23, Amasezerano y’amahoro ashobora gushirwako igikumu mu mpera za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: M23, Amasezerano y’amahoro ashobora gushirwako igikumu mu mpera za (...)

RDC: M23, Amasezerano y’amahoro ashobora gushirwako igikumu mu mpera za Ruhuhuma

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Kubw’ivyo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,Umushikiranganji wa mbere wa republika iharanira Demokrasi ya Congo,Augustin Matata Ponyo,yaramenyesheje ko amasezerano yo gusubiza hamwe ya ONU y’amahoro yo mu bihugu vy’ibiyaga binini yari guterwako igikumu imbere y’impera y’ukwezi kwa ruhuhuma.

Igihe c’inama ya nyuma iheruka y’ishirahamwe y’ibihugu vya Africa,igenekerezo rya 28 Nzero,Africa yepfo yariyonkoye k’umugaragaro ku masezerano y’amahoro n’umutekeno y’ishiramanwe mpuzamakungu mu karere k’ibiyaga binini.

Ariko k’ubw’umushikiranganji wa mbere wa Republika iharanira Demokrasi ya Kongo,Augustin Matata Ponyo,yavuze kuri uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruhuhuma,ko umunyamabanga mukuru wa ONU,yabahumurije kandi ko akarusho kanini kigaragaje kandi ko atagihindutse,amasezerano yoterwako umukono imbere y’impera z’ukwezi.

Matata Ponyo yamenyesheje ko amasezerano yo gusubiza hamwe,ni amasezerano azoshobora gutsimbataza amahoro m’ubuseruko bw’igihugu kuko ibikorwa vyo gutsimbataza amahoro m’ubuseruko bw’ico gihugu bizoba bishingiye kuri ayo masezerano.

Inyuma y’igihugu ca Republika iharanira Demakrasi ya Kongo,ibihugu indwi vyotegeterejwe gushira umukono kuri ayo masezerano : Urwanda, Ubuganda, Uburundi,Angola,Congo,Afrika y’Epfo na Tanzaniya.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.