Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : M23 yagirizwa guhohotera abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : M23 yagirizwa guhohotera abanyagihugu

RDC : M23 yagirizwa guhohotera abanyagihugu

vendredi 28 Ruheshi 2013

Monusco iragiriza abarwanyi ba M23 ko bahohotera abanyagihugu bo mu buseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu karere ka Rutshuru.

Mu matohoza yakozwe n’abahinga bo muri Monusco, abanyagihugu baharurwa muri mirongo itatu nibo boba barishwe n’abarwanyi ba M23 babagiriza gukorana n’imirwi y’ababarwanya.

Monusco yagiriza kandi M23 kuba yinjiza urwaruka ku nguvu mu murwi wabo, ivyo bakabikora kugira basubirize abarwanyi babo bamaze iminsi barwa mu ngwano zibahuza n’abasirikare.

Mukaba mwomenya ko ata minsi myinshi yari bwahere Monusco igabishije M23 ibagiriza ko aribo barashe kajugujugu za Monusco mu buseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Monusco ikaba yaciye imenyesha ko igiye gukurikirana mu butungane abategetsi ba M23.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.