Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Monusco yagirizwa kwica abanyagihugu babiri i Goma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Monusco yagirizwa kwica abanyagihugu babiri i Goma

RDC : Monusco yagirizwa kwica abanyagihugu babiri i Goma

lundi 26 Myandagaro 2013

Abasirikare b’isirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bagirijwe kuba baragandaguye abanyagihugu babiri. Amatohoza aja yamaze gutangura, kugira uwagirwa n’icaha ahave ahanwa.

Kuri uyu wa 24 Myandagaro, urwaruka rutari ruke rwo mu gisagara ca Kivu yo mu Buraruko, rwarihereje amabarabara, rwiyamiriza ibikorwa vy’abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Monusco) ko aho gukingira abanyagihugu, aribo baraiko barabica. Abanyagihugu rero babibonye bavuga ko abo basirikare barashe mu banyagihugu hagati yabariko baragira imyiyerekano, ubwo nyene babiri baca baritaba Imana.

Muri iki gihe rero, uwurongoye igisirikare c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo Martin Kobler, asaba ko amatohoza yoba, maze uwagirwa n’icaha agaheza agahanwa. Twobibutsa kandi ko kuri uyu wa gatandatu, abantu batatu bitavye Imana muri ico gisagara ca Goma bahitanywe n’igisasu. Kuva rero kuwa kane w’iyi ndwi iheze, abantu baguma bahitanwa n’ibisasu biri mu bwoko bwa Obus, biterwa hagati mu gisagara ca Goma, kandi ivyo bikagirizwa umurwi w’abarwanyi ba M23.

Muri iki gihe rero amwe mu mashirahamwe y’ibihigu akorera aho i Goma, aja yatanguye gukura abazi bayo muri ico gisagara baja muri Kivu y’amaja Epfo. Mu bushikiranganji bw’ugufashanya n’ibindi bihugumu Bwongereza bamenyesha ko basavye abantu babo, kuva muri ico gisagara ca Goma.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.