Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC: Ubutungane bwemeye gukurikirana abasirikare bagirizwa guhohotera (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Ubutungane bwemeye gukurikirana abasirikare bagirizwa guhohotera (...)

RDC: Ubutungane bwemeye gukurikirana abasirikare bagirizwa guhohotera abakobwa muri Centrafrika

vendredi 21 Myandagaro 2015

Abasoda batatu bava mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bakora mu rwego rwa Minusca mu kugarukana amahoro baragirizwa kuba bari mu bakoze amabi ku banyagihugu batatu.

Umushikiranganji wa Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo ajejwe ubutungane yavuze ko ubutungane bwiyemeje gukurikirana abo basirikare bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika.

Igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nticemera ivyagirizwa abasirikare baco bari mu gihugu ca Centrafrika.

Umushikiranganji w’ubutungane muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,yavuze ko igihugu ciwe kidashobora kwihanganira ibikorwa nk’ivyo,kandi ko abasirikare bagirizwa ayo mabi bashobora gutahukanwa mu gihugu kugira barengutswe imbere ya sentare ya gisirikare.


IGIHE

Messages

  • Twebwe aba Afrika tur’ ibijuju ko aba sirikare b’ ubufaransa babibareze reta yabo ntiyabihakanye? Kubera ko bo atawobasabiriza, ariko twebwe kubera ubukene dufise ducadutetemera ataha imfashanyo iragiye Afrika tuzopfa turabaja babazungu kubera ubukene. Ariko nkibaza nka DRC ibuz’iki kugira ebeikiri mubihugu bigiteze amaboko kumuzungu kandi ibitungishije abobazungu biva muri DRC?

  • Ubundi se Congo igira abasoda cyangwa ni abashumba (Ba kata nyama) !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.