Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Umugambi mushasha ufasha gutuza ugufatwa ku nguvu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umugambi mushasha ufasha gutuza ugufatwa ku nguvu

RDC : Umugambi mushasha ufasha gutuza ugufatwa ku nguvu

samedi 19 Gitugutu 2013

Abakenyezi bo muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo barakoze ibirohe vy’ibibiriti, bakoresheje itumanyu tw’inkwi, ibipapuro be n’amazi. Uwo mugambi w’abakenyezi bawutanguje mu ntumbero yokwirinda abagizi ba nabi na cane cane ko aribo bakunda guhohohterwa mu gufatwa ku nguvu.

Umukenyezi Carine, n’umwe mubatanguje awo mugambi akaba kandi ari impuzi yo mu Mugungaa, avuga ko kugira biyumvire uyo mugambi, ni uko babonye amabi abakenyezi bo mu gihugu giharanira intwaro rusangi ya Congo bahura nayo makuba yo gufatawa ku nguvu n’abarwanyi, basanzwe mu mihana iwabo canke mu mirima. Igihe hatereye indwano abenshi bagahungira mu makabi, hari abagira neza bitiriwe ‘’Mercy Corps’’ baza barabafashisha inkwi. Aho rero abo bagira neza bagiriye abakenyezi baciye bafata ingingo yo kuja kurondera bo nyene inkwi, ariko bakaca baza barahura n’abarwanyi babafata ku nguvu bakabononera ubuzima. Baca biyumvira uburyo bokwivuna umwansi bakoresheje ibirohe vy’ibibiriti.

Ihinguriro ribayabaye vy’ivyo birohe rirongowe n’abakenyizi bo mw’ikambi. Anna, umukenyezi w’imyaka 32, ari no mubafashwe ku nguvu akononerwa ubuzima, avuga ko n’ubwo abo bakenyezi bahurijwe hamwe, ingorane zabo ziratandukanye. Mu matohoza yagizwe mu Buraruko bwa Kivu kw’ifatwa ku nguvu y’abakenyezi n’abigeme, guhera mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2013, haharurwa abegera ku 2 333. Kuva muri Nzero gushika muri Myandagaro 2013, amavuriro nayo aharura ubwoko bw’ifatwa ku nguvu bugera ku 751. Ibisigurwa na Mathilde Mariette, umuyobozi w’ishirahamwe HCR mu mugambi wo kurwanya gufatwa ku nguvu bifatiye ku gitsina mu ntara y’Uburaruko bwa Kivu.

Fabienne Pompey, ajejwe itumatumanako amakuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungura PAM, avuga ko iryo shirahamwe risanzwe ritanga ku mpuzi za Mugunga III no ku yandi makambi, ibirohe vy’ibibiriti vyakozwe n’abakenyezi bo muri ako gace nyene. Akemeza ko iryo shirahamwe rishigikira igikorwa cabo bakenyezi biyumviriye gukora ivyo birohe. Abakenyezi bakora ivyo birohe i Mugunga III bakaba bangana 52 ku 292 mu Buraruko bushira uburengero bwa Kivu.

Abo bakenyezi bakora ivyo birohe vy’ibiriti bavuga ko bahagijwe n’ico gikorwa cabo kuko baronka izo bakoresha nizo bagurisha, gutyo bikabatuma batagisubira kuja kurondera inkwi mu mashamba biri no mubituma bafatwa ku nguvu. Agafuko k’ibirohe 3000 kakagurisha ku mafaranga 5 y’amadorare, ni ukuvuga amafaranga 7500 mu marundi.

Uwo mugambi wo kugokora ibirohe vy’ibibiriti ukaba ushimwa na batari bake, harimwo n’amashirahamwe mpuzamakungu asanzwe ashigikira impuzi, aho twovuha nka PAM, HCR, n’abandi batari bake. Igishimwa kuri uyo mugambi, akaba aruko, uyo mugambi uzoshobora guteza imbere abakenyezi bari mu makambi, kubarinda gusubira gufatwa ku nguvu kuko batazoba bagisubira mu mashamba kurondera inkwi, eka mbere no mugukingira amashamba acimeza.

Mwomenya ko ikambi ya Mugunga III yakira impuzi zigera ku bihumbi 17, mu kibanza ca 24. Iyo kambi ikaba iri kubirometero bishika 10, mu Burengero bwa Goma, igisagara c’intara itunze y’Uburaruko bwa Kivu, hafi y’amashamba cimeza akingiwe y’Ibirunga.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.