Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Umukinyi Dieumerci mu murwi wa Dynamo Kiev - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > RDC : Umukinyi Dieumerci mu murwi wa Dynamo Kiev

RDC : Umukinyi Dieumerci mu murwi wa Dynamo Kiev

lundi 24 Ruheshi 2013

Umukinyi aturuka mu gihugu ca Repubilika iharanira Demokari ya Congo Dieumerci Mbokani yateye umukono ku masezerano n’umurwi wo muri Ukraine uzwi kw’izina rya Dynamo Kiev.Uwo musatirizi yavuye mu gihugu c’ububirigi aho yahora akinira umurwi Anderlecht.

Dieumerci Mbokani yaruhiye kuja mu buseruko.Uwo musatirizi w’imyaka 27 y’amavuko,yiyemeje gukinira umurwi Dynamo Kiev ,igenekerezo rya 21 Ruheshi 2013.

Dieumerci yateye umukono ku masezerano y’imyaka ine.Umushahara wiwe hamwe n’amahera bazohereza umurwi yahoramwo ntibiramenyeshwa. Herman Van Holsbeeck ,umukuru w’umurwi wa Anderlecht avuga ko impari zitarahera.

Umukinyi yavyifashemwo neza mu mwaka w’2012,Dieumerci yinjirije umurwi wa Anderlecht ibitsindo bingana 38 mu nkino 62.

Dieumerci Mbokani agiye mu murwi uri hejuru mu gihugu ca Ukraine ariko ntizokina mu nkino za champions ligues 2013-2014.I Kiev, Dieumerci azofashanya gusatira n’umukinyi akomoka mu gihugu ca Nigeria Ideye Brown.

Dieumerci rero yagaragaje umunezero afise agira ico avuze « nari narifuje gukinira Dynamo Kiev.N’umurwi nahora niyumvira ko nzokinira uzonakina ligue des champions kuva 2014-2015.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.