Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Umupfasoni yibarutse abana 7 mu gisagara ca Goma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > RDC : Umupfasoni yibarutse abana 7 mu gisagara ca Goma

RDC : Umupfasoni yibarutse abana 7 mu gisagara ca Goma

vendredi 4 Nzero 2013

Vyabaye imboneka rimwe mu gisagara ca Goma kuri uyu wa gatatu itariki zibiri Nzero umwaka w’i 2013 aho umukenyezi yibaruka abana indwiicarimwe ariko bose baciye bitaba Imana.

Umukenyezi w’imayaka mirongo ibiri n’ine yibarutse abana indwi bose bakaba bavukiye mu bitaro mpuzantara vyo mu gisagara ca Goma, umugwa mukuru w’intara ya kivu y’amaja ruguru. Nk’uko bimenyeshwa na muganga Michèle Kembwa yakiriye uwo mupfasoni ngo abo bana nta n’umwe yashoboye kubaho, kuko umwe wese yavukanye amagarama atarenga amajana ane na mirongo itanu.

Ikindi catumye abo bana batagira amahirwe y’ukubaho n’uko bavukiye amezi atandatu n’ukuvuga igihe c’ukuvukirako kitarashika. Naho biruko utwo twana ngo twarashoboye kumara akanya gatoya kuko abaganaga bagerageje uko bashoboye kugira ivyo bibondo bibeho ariko bibata k’uwamazi. Nk’uko muganga Michèle KEMBWA yabimenyesheje abanyamakuru ba radio Kivu 1 y’i Goma ngo nta mahirwe na makeya abo bana bari bafise y’ukubaho kuko bari bavukiye igihe gito cane.

Amenyesha ko aho i Goma ari imboneka rimwe kubona umupfasoni yibaruka abana barenga kuri batatu. Agira ati : « Niko turamenyereye kwakira abavyeyi bibaruka abana babiri n’abatatu mbere ariko kuva ntanguye aka kazi k’ubuganga sinari bwakubite ijisho umugore avyara abana bari hejuru ya batatu. » Arangiza yemeza ko ivyo bibondo vyari vyavutse ari bizima imbere y’uko bishengerera icarimwe.

Reta yaciye ifata ingingo y’ukurihira uwo mupfasoni amafaranga yose yarakenewe mu bitaro hamwe n’ibijanye n’ugushingura izo mpinja mu ntumbero y’ukugarukira n’ugufasha umubabaro uwo mugore yahuye nayo makuba.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.