Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC yanse gusinya amasezerano ku mpunzi z’abanyarwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC yanse gusinya amasezerano ku mpunzi z’abanyarwanda

RDC yanse gusinya amasezerano ku mpunzi z’abanyarwanda

mardi 23 Ndamukiza 2013

Leta ya Repubulika iharanira demokarasi ya Congo ivuga ko yanse gushira umukono mu nama yabereye i Pretoria mu ndwi iheze ku masezerano yerekeranye no gushira mu ngiro icemezo co guhagarika guhunga ku banyarwanda bahunze imbere y’i 1998.

Intumwa ya RDC muri iyo nama, Julien Paluku, yabwiye BBC ko ibihugu 12 vya Afrika vyari muri iyo nama yabereye i Pretoria mu ndwi iheze, vyose vyanse gushira umukono kuri ayo masezerano.

Iyo nama yari yatumiwemwo HCR n’Urwanda. Umukuru w’intara ya Kivu ya ruguru, Julien Paluku, avuga ko Congo hari ibintu bibiri yasavye ko bitegerezwa kubanza kwubahirizwa kugirango ishobore gusinya ayo masezerano.

Ica mbere ni ukuraba ibizoshikwako n’amasezerano y’inyabutatu hagati ya HCR , Urwanda na Congo ku kibazo co gutahukana impunzi z’abanyarwanda ziri muri Congo.

Ica kabiri ni ukuraba aho impunzi z’abanyarwanda ziri hose muri Congo zikahurizwa hamwe mw’ikambi kugira bamenye abifuza gutaha.

HCR ivuga ko guhera kw’igenekerezo ya 30 z’ukwezi kwa Ruheshi kw’uyu mwaka ariho hazotangura gushirwa mu ngiro icemezo co guhagarika ubuhunzi ku banyarwanda zahunze imbere y’i 1998.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.