Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC yarungikiye abarwanyi batatu ba M23 imitahe yo guhagarikwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC yarungikiye abarwanyi batatu ba M23 imitahe yo guhagarikwa

RDC yarungikiye abarwanyi batatu ba M23 imitahe yo guhagarikwa

samedi 27 Mukakaro 2013

Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo yatanze imitahe yo guhagarika abarongozi batatu bo mu murwi wa M23 bivugwa ko bahungiye mu gihugu c’Urwanda kuva igisirikare cigabuyemwo kubiri.

Nk’uko biva mw’itangazo ryashizwe ahabona na Leta ya Congo biciye ku muvugizi wayo Lambert Mende, kuva ku munsi wa gatanu, igihugu ca Congo caratanze kibicishije ku bagiserukira mu Rwanda imitahe itatu yo guhagarika abanyecongo batatu bari basanzwe bahungiye ku butaka bw’igihugu c’Urwanda.

Umwe mu mitahe ukaba wahawe uwo bita Jean Runiga Lugerero, yahoze ari umukuru wa M23, Colonel Baoudouin Ngaruye hamwe colonel Innocent Zimurinda.
Abo bose bakaba bakurikiranwako ivyaha vyo mu gihe c’intambara, ivyaha vy’agahomeramunwa, gukoresha abana bari musi y’imyaka 15 mu gisirikare n’ibindi.

Mu makuru dukesha ikinyamakuru Jeune Afrique, muri iryo tangazo, Leta ya Congo irarindiranye igishika inyishu izotangwa na Leta y’Urwanda, aho bamenyesha ko Kigali yari yarateye umukono ku masezerano ya Addis Abeba igenekerezo rya 24 Ruhuhuma. Muri ayo masezerano yahuje ibihugu 11 vyo muri afrika bakaba bari bemeranije ko ata n’umwe azoshigikira umurwi urwana uwo ariwo wose mu buseruko bwa Congo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.