Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Real Madrid ntigikinye igice ca nyuma ca Champions League - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Real Madrid ntigikinye igice ca nyuma ca Champions League

Real Madrid ntigikinye igice ca nyuma ca Champions League

mercredi 1er Rusama 2013

Umurwi wa Borussia Dortmund wo mu Budagi, kuri uyu wa Kabiri waronse umwanya wo gukina urukino rwa nyuma mu mahiganwa y’igikombe c’ imirwi yabaye iya mbere i Buraya (Champions League) itsinze Real Madrid yo muri Espagne.

Borussia Dortmund mu rukino rwa ½ rwo kwishura, warifashe neza mu kibuga ca Real Madrid (Santiago Bernabeu) , urayibuza gutsinda 3-0 yasabwa kugira ngo ishobore gukuramwo ibitsindo yari yaratsinzwe. Real yatsinze 2-0 mu gihe mu rukino rwa mbere yari yatsinwe ibitego 4-0, biharuwe vyose bica biba bine vya Borussia Dortmund kuri bitatu vyayo.

Borussia Dortmund ikaba irindiriye urukino rwa nyuma kugira ize ihure n’ umurwi uza kurokoka hagati ya Bayern Munich na FC Barcelone ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu.

JPEG - 45.5 ko
Umurwi wa Borussia Dortmund wo mu Budagi

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.