IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Reta ya Tanzaniya yirukanye abarundi 89

Reta ya Tanzaniya yirukanye abarundi 89

lundi 10 Kigarama 2012

Abo birukanywe bagizwe n’abagabo hamwe n’abagore bose ni 89, ubu bakaba bari ku mupaka w’u Burundi na Tanzaniya i Mugina muri komine Mabanda intara ya Makamba.Ngo ta vyangombwa bari bafise vy kuba muri Tanzaniya.

Gushika ubu nta na kimwe abo barundi 89 birukanywe n’igihugu ca Tanzaniya barafashishwa yaba imfugurwa canke ico kwifuka. Bari ku mupaka w’u Burundi na Tanzanzaniya muri komine Mabanda intara ya Makamba. Birukanywe ku munsi wa gatanu ku mugoroba. Abarongoye Tanzaniya ngo bafashe ingingo yo kubirukana kuko baba muri ico gihugu batabifitiye uruhusha rwo kuhaba, abandi n’abo ngo bafashwe bariko barahunga ikambi y’impunzi y’i Mtabira mugutinya gusubira mu Burundi ariko bobo bavuga ko bari bagiye muri Tanzaniya kurondera akazi.

Ishirahamwe mpuzamakungu rifasha impunzi HCR rimenyesha ko hariho abo ryamenye nk’impunzi, n’abandi batazwi niryo shirahamwe. Ubu rero ikibazo c’abo bantu kiri mu minwe y’abajejwe intwaro bo muri komine Mabanda. Abajejwe intwaro nabo bavuga ko bariko barakora ibishoboka kugira basubize abo barundi mu ntara baje bavamwo . Abo barundi bobo, kuva ku wa gatanu batarafashwa, basaba ko ikibazo cabo cokwigwa vuba.

Ivyo rero bikaba bibaye mugihe abarundi bangana n’ibihumbi 35 bari bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mw’ikambi y’i Mtabila bategerezwa kuba batahukanywe mu Burundi bitarenze italike 31 kigarama uyu mwaka w’2012.Izo mpunzi zemeza ko zitahukanwa ku nguvu mbere muri bo hakaba hari abasiga bamwe mu miryango yabo nk’abana ,abakenyezi canke abagabo babo. Abasirikare ba Tanzaniya ngo bakoresha n’igipolisi mu gutahisha abo Barundi ku nguvu, mbere ngo hari abarundi babiri boba bamaze gupfa bivuye kw’ikubagurwa ry’abajejwe umutekano aho muri Tanzaniya mw’ikambi y’i Mtabila.


Raymond Nzimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.