Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Riek Machar amenyesha ko igisoda ciwe kimaze gufata igice kinini ca Sudani (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Riek Machar amenyesha ko igisoda ciwe kimaze gufata igice kinini ca Sudani (...)

Riek Machar amenyesha ko igisoda ciwe kimaze gufata igice kinini ca Sudani y’Epfo

dimanche 22 Kigarama 2013

Uwahoze ari icegera c’umukuru wa Sudani y’Epfo, Riek Machar, yavuze ko ingabo ziwe zafashe agace ka Unity gacukurwamwo ibitoro n’ahantu henshi mu gihugu.

Abantu barenga 500 bakaba bamaze kugwa mu mishamirano y’amoko yatanguye mu ndwi iheze, igihe Salva Kiir umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo yagiriza uwahoze ari icegera ciwe gushaka gutembagaza ubutegetsi, ariko we akabihakana. Machar avuga ko ko azogirana ibiganiro na Reta ariko abanyaporitike bafashwe bakabanza kurekurwa.

Ayo makuru ariko naho abarwanya Reta ya Salva Kiir bavuga ko bamaze gufata tumwe mu duce tw’igihugu, abataho begamiye mu vya poritike ntibarayemeza. Abanyagihugu ariko bakaba babandanya guhunga, aho indwano n’ubu zibandanya. Tukabamenyesha ko muri ico gihugu ca Sudani y’Epfo, ubu igihugu camaze gufata n’ingingo z’igihugu kiri mu ntambara, aho umukwabu utangura kuva igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba gushika iyo saha nyene mu gatondo.

Muri ayo masaha, akaba atanagakacira mu mabarabara kiretse abajejwe umutekano, baguma barikanuye kugira bahangane n’ababarwanya, aho boturuka hose.


Aristide Nizigire

Messages

  • None abanyagihugu bariko bazira iki muri ivyo vyose? Machar yogenda kwa kiir akaba ariwe barwana aho kwica abanyagihugu ataco bazira.

  • turiho nkabarundi muri sudani yepho juba turi muri cartier gudele so! Reta ishaka itwibuk idutahukanenkuk uganda kenya etiopia nabindi bihugu iriko bikora kuko turi imanamba nka basogokuru

  • turiho nkabarundi muri sudani yepho juba turi muri cartier gudele so! Reta ishaka itwibuk idutahukanenkuk uganda kenya etiopia nabindi bihugu iriko bikora kuko turi imanamba nka basogokuru

  • None ga Steven Leta wari wayimenyeshejeko ariyo uri?Uyibuka iyo habavye gusa!Gerageza wivaneyo kuko aho wagenda ntiwayisezeye ndabizi!Uratanga ikori i Burundi?Wamaze iki?
    Uriyita Umunyarwanda hanyuma ushitse mu Rwanda nta nahuri yo gushika i Burundi uzobura!Ukayibura naho azoba ataco wari umariye na Soudan du Sud

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.