Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Robert Mugabe yakuweko igihano co kutaja mu bihugu vya buraya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert Mugabe yakuweko igihano co kutaja mu bihugu vya buraya

Robert Mugabe yakuweko igihano co kutaja mu bihugu vya buraya

mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya (Union Européenne) ryarekuriye umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe, akazoshobora kugenda mu bihugu bigize uwo muryango, inyuma y’aho atorewe kugira ayobore Umuryango w’Ubumwe bw’Afrika.

Inyuma yaho abatari bake bagiriye impungenge bakongera bakanegura itorwa rya Robert Mugabe ku burongozi bw’sihirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, kuko ata burenganzira yari afise bwo kuja mu bihugu bimwe bimwe vya buraya, umuvugizi w’ishirahamwe rya buraya, Catherine Ray, yatangaje ko ibihano vyo kudahonyoza ikirenge mu bihugu bigize iryo shirahamwe, umukuru w’igihugu Robert Mugabe yari yashizweko bizomukurwako mu gihe cose ari mu kazi k’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika.

Yagize ati : « Robert Mugabe yahora arabwa n’ibihano bimubuza gutembera. Ariko ibi bihano bizokurwaho mu gihe azoba agenda mu mahanga nk’umukuru w’ishirahamwe ry’ ubumwe bw’ Afrika. Ubwo burenganzira bwo kuja mu bihugu vya buraya, bizoha Mugabe ubushobozi bwo guhagararira ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika mu nama z’ibihugu umunani bikomeye kw’isi (G8) canke iz’ibihugu 20 (G20)."
Ariko rero ivyo bihano ntivyigeze bikurwaho ku mukenyezi wiwe Grâce Mugabe.

Tubibutse ko umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yari yafatiwe ivyo bihano yagirizwa ko ubutegetsi bwiwe buhonyanga agateka ka zina muntu. Muri uno mwaka w’2014 naho, akaba yaranse kwitaba ibikorwa vy’ishirahamwe rya buraya, kuko umufasha wiwe bamwimye uruhusha (Visa) rwo kumuherekeza.

Robert Mugabe w’imyaka mirongo icenda yatowe kugira ayobore ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika mu nama yabereye i Addis Abeba muri Ethiopia mu ndwi iheze.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.