Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Roma: Indege ya Alitalia vyanse ko igwa neza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Roma: Indege ya Alitalia vyanse ko igwa neza

Roma: Indege ya Alitalia vyanse ko igwa neza

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Abantu batatu baraakomeretse bongera baja mu bitaro kuri uno wa gatandatu igihe vyanka ko indege itwara abantu 50 y’ishirahamwe Carpatair igwa ku kibuga c’indege c’I Rome-Fiumicino.

Iyo ndege yo mu bwoko bwa ATR 72 ifise amabara y’ishirahamwe Alitaria,yari ivuye m’uburaruko i Pise itwaye abantu 46 hamwe n’abandi bakozi b’iyo ndege 4.

JPEG - 7 ko

Nk’uko amakuru dukura mu kinyamakuru 7sur7 abimenyesha,umwe asinzikaye muri abo batatu ni umwe muri abo bakorera iyo ndege afise imyaka 30 nawe akaba yarababaye ku giti c’umugongo ariko ubuzima bwiwe bukaba butabangamiwe cane,uwundi yakomeretse mu gice co mu rukenyerero.

JPEG - 4.7 ko

Ikigo c’igihugu kijejwe umutekano wo mu kirere,ishirahamwe Alitalia hamwe na Sentare y’I Civitavecchia vyaratanguye amatohoza kugira hamenyekane icatumye haba iryo sanganya.

Amatohoza ya mbere avuga ko ibintu bibiri arivyo vyoba vyaratumye haba iryo sanganya,navyo ni ingorane zijanye n’ikirere hamwe n’uko abadereva boba bavyifashemwo nabi.Ku bijanye n’ikirere amatohoza yerekana ko iryo sanganya ryoba ryavuye k’umuyaga mwinshi hamwe n’imvura vyatumye bigorana ko iyo ndege igwa.

Nk’uko amakuru ava mw’itororokanirizo ry’amakuru Ansa abimenyesha ngo iyo ndege igihe yariko iragwa yakoze hasi incuro zibiri kandi bikomeye mu nyuma irashika hasi,bituma ita inzira yari gutegerezwa kugwamwo.

Tubamenyesheko amasezerano ari hagati ya Carpatair na Alitalia yatumye havugwa amajambo menshi mu mezi aheze bivuye ku masanganya yagiye araba.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.