Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Romaniya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Romaniya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

Romaniya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

mercredi 4 Munyonyo 2015, par egide

Umushikiranganji wa mbere wa Romaniya, Victor Ponta, yamenyesheje ku mugaragaro ko atanze imihoho inyuma y’imyiyerekano ikomeye imwiyamiriza kubera abantu barenga 30 bahitanwe n’umuriro bari mu nzu y’ubutambiro.

Abagize iyo myiyerekano bari bababajwe n’ukutubahiriza amategeko agenga ibikorwa vy’amazu y’ubutambiro kubera ibiturire, bakavuga iyo nzu itari ifise umuryango wo gusohokeramwo mu gihe hoba impanuka.

JPEG - 62.2 ko
Victor Ponta, umushikiranganji wa mbere wa Romaniya

Victor Ponta, umushikiranganji wa mbere wa Romaniya atanze imihoho inyuma y’aho habereye kuri uwu wa kabiri, imyiyerekano ku murwa mukuru wa Bucharest, abantu barenga ibihumbi 20 bakamusaba ko yotanga imihoho, hamwe n’umushikiranganji w’intwaro y’igihugu ca Romaniya.

Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa gatatu, Victor Ponta yamenyesheje ko yizeye ko ingingo yafashe izoshimisha abari bamusavye ko atanga imihoho.


IGIHE

Messages

  • Ibindi bihugu bifise abashingantahe atari uwu mukoma wuburundi nkurumbi ngo ni president yamaze abantu kubera inyaga yiwe.

  • ugutukanantahokuzoshikana igihugu,ahubwodukomezegusenga!!!!!!!!

  • Abandi bakagira ubushingantahe atari izi njavyi zo muburundi zibohera kubitashoboka sha ntaco umusi numwe ntabwo uzoba ibiri.

  • Uwomushikirangaji wa Romaniya numugabo pe, ye meye gushira mungiro ivya banyagihugu bamusaba, isi ya rikwiye kubana abagabo nkabo,batahura ko bafise amakosa bakoreye abanyagihugu,bagaca batangimihoho batiriwe barasesa amaraso ya benigihugu. Nabategetsi Buburundi bari bakwiye gufatira akarorero kubandi, bakareka kuhaya inkoho nindege zaguzwe amahera ya banyagihugu,kwarizo bazokoresha mukwica abatemera ubufuti bwabo,no mugusambura igisagara. kandi biragoye cane nka bategetsibacu, gukora nkuwomushikirangaji yakoze kuko niho baronse binyegeza kugira ntibakuriranwe kumabi bagiye barokora.ntawuzi kwa taco yiyagiriza yo kwemera gutwara abanyagihugu bariko bakominduru. nkakebura kandi abobandika message zogutukana rwabantu nimikoma sivyiza, wewe andika ivyu gaya bitagenda neza mugihugu. kuko gutukana ntaco bifasha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.