IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rufyiri : Umugambi wo kuzodurumbanya yegereyegere wamenyekanye

Rufyiri : Umugambi wo kuzodurumbanya yegereyegere wamenyekanye

mardi 3 Ntwarante 2015

Reta y’Uburundi isabwa guhagarika iterabwoba ririko rikorwa ku nani z’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, ziriko zitegura kugira yegereyegere muri ino ndwi.

Nk’uko vyavuzwe na Gabriel Rufyiri asanzwe arongoye ishirahamwe OLUCOME mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa 3 Ntwarante uwu mwaka, avuga ko hari umurwi w’abantu bariko barategurwa kugira baze batere amabuye imiduga, iyindi bayiturire, mbere uwo murwi ukazoshobora n’ukuzoturira n’amamangazini hanyuma bikazoca vyegekwa kuri ayo mashirahamwe agera ku 1500 buca agira yegereyegere kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 5 Ntwarante. Ku bwiwe rero, umunyagihugu wese arafise uburenganzira bwo kugira yegereyegere, kandi agakingirwa, aho kuburabuzwa.

Mwomenya ko inani z’amashirahamwe ahurikiye muri COSYBU na CSB zishigikiwe n’inani zindi z’amashirahamwe nka FORSC igizwe n’amashirahamwe 150, urunani SPPDF rugizwe n’amashirahamwe 485, urunani rw’amashirahamwe y’abakenyezi CAFOB rugizwe n’amashirahamwe 72, urunani rw’amashirahamwe y’urwaruka CPAJ rugizwe n’amashirahamwe 236 eka n’urunani rw’amashirahamwe yunguruza abantu n’ibintu, bazoba bariko biyamiriza iryo tagisi ry’amafaranga 42 ku munota yiyongereyeko ku bijanye no gutumatumanako hamwe no kubijanye n’igitoro kitigeze kimanuka ku rugero rwo kw’isoko mpuzamakungu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Amirira kure izonyanka burundi ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka nibemere bareke kudutobera igihugu ivyabananiye gutunganya mumyaka cenda yose bakeneye gutunganya mumezi atatu asigaye nibateswe bate amashirahamwe arondera ineza yabanyagihugu twebwe abanyagihugu turashima abo banka gushima kuko harivyo biyagiriza ntamidurumbanyo iriko iraba kiretse ko ari uburenganzira bwumunyagihugu wese kwigaragamvya ataco yonona
    Mbe ko basahuye tukabareka barubatse amazu meza meza tukabareka uyomushihe bafise nuwiki ga yemwe barundi?
    Nama nsemerera uyu muti bagire banwe naho urura barawunwa kandi ntanima rizokoroka bawunwa wose kugirango bakire neza,nabagume hamwe banwe umuti

  • JEWE NIBAZA KO RUFYIRI ADAKOMEYE NEZA MUMUTWE!!!!!!!!!!!!!! KO BASERUKIRA AMASHIRAHAMWE 1500; NIBASINYISHE YA MAPETISIYO YABO BARABE ABANWANYI BAFISE INGENE BANGANA HAHAHAHAHAAAAA EJOBUNDI MWASINYIWE NABANTU 19000; REKA TURINDIRE ABONABO UKO BAZOBA BANGANA KUGIRA TUMENYE ABANYAGIHUGU BABATUMA KUGUMUKA INGENE BANGANA!!!!!!!!! NIBASANGA LETA ATANGABO IFISE YOKUBARWANYA ICE IMANIKA AMABOKO HEJURU MUCIFATIRE HIHIHIHIHIHIHIHIIIII AKABONGE KUBUTEGETSI KA ZO TUMA MWIYAHURA!!!!!!!!!!

  • hongora ijavyi; kuwakane nsavye abajejwe umutekano ko atamugumutsi numwe bokwihanganira; turitsa ; mena ; sekeza sanzaza munyuma cvr izomenyesha ukuri ukwariko.

  • JEWENDIKONDARABA PORITIKE YUBURUNDI IKINWANABESHI ABASENZIBASENGERE UBURUNDI KUKOBIRAHAMBAYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.