IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abasirikare basambuye amararo y’inka yahora mu Rukoko

Abasirikare basambuye amararo y’inka yahora mu Rukoko

jeudi 13 Munyonyo 2014

Amararo y’inka yahora ari mw’ishamba cimeza rya Rukoko yasambuwe n’abasirikare b’Uburundi. Mu gisirikare bavuga ko ari ku mvo z’umutekano wo muri iryo shamba.

Abungere b’inka bakorera ku mararo yahora mw’ishamba cimeza rya Rukoko bagirizwa gukingira ikibaba abagizi ba nabi bahungabanya umutekano bava muri iryo shamba. Mu nama y’umutekano iheruka guhuza umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe naba buramatari b’intara, Anselme Nyandwi, buramatari w’intara ya Bubanza yari yasavye ko abo bungere bakorera mw’ishamba rya Rukoko bokurwayo ku mvo z’umutekano. Anselme Nyandwi yamenyesheje ko hari n’igihe abo bungere bagurisha inka baba bajejwe kuragira, bagaheza bakabwira ba shubuja ko zibwe n’abarwanyi.

Abasirikare b’Uburundi bakorera muri iryo shamba rya Rukoko bafashe ingingo yo gusambura ayo mararo y’inka. Ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu akaba ariho ayo mararo y’inka yo mw’ishamba rya Rukoko yasamburwa n’abasirikare.


Egide Nduwimana

Messages

  • Turabishigiye ko asambugwa kuko usanga benshi mubagizi banabi bikika mukiza nimukomeze umutekano wigihugu urakenewe murakoze.

  • @DD ariko abantu babure aho barara?ubunaho ni INKA?? Ejo nahoni mbwa ni nyabu ,ko mwaturiye amararo umutekano uca ugaruka??jewe nibaza ko munywa cocaine kuko,ntimwoba muborewe amahera gusa ??

  • nivyo umutekano urakenewe kumvo zuko kwikika mukiza kwabagizi banabi ariko rero bene amararo nabo barikuba hafi yivyabo.ivyo bisobanura KO bari kumenyeshwa kuyumusi babomora.ndibaza kwatawarikuvyakira nabi kuko twese dukeneye umutekano.

  • @Nwari
    "jewe nibaza ko munywa cocaine kuko,ntimwoba muborewe amahera gusa ??"
    Nawe ndumva ko akabonge kari mu kugukuraho! Pole!
    Hanyuma biratangaje ingene abantu bubahuka bakubaka amararo mw’itongo ritari iryabo! Ivyo ntagihugu kirimwo amategeko bishobora kubonekamwo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.