IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Abantu batanu baguye mu gitero

Ruyigi : Abantu batanu baguye mu gitero

mardi 12 Ndamukiza 2016, par egide

Abantu bagera ku batanu nibo bishwe mu gitero cakozwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi. Abagera ku ndwi nibo bamaze kumenyekana ko bakoremeretse.

Ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro zibura, ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, hafi y’isoko ya Munyinya. Abajejwe intwaro bamenyesha ko abantu bitwaje ibirwanisho boba bagera kuri cumi, boba bari baje bava mu gihugu ca Tanzaniya, ku rubibe komine Gisuru ihana n’ico gihugu.

Amakuru ava muri komine Gisuru intara ya Ruyigi, ahabereye ico gitero, amenyesha ko abantu batanu aribo bishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abandi indwi barakomereka.

Ayo makuru avuga ko ico gitero coba carondera umurwi w’imbonerakure za CNDD FDD zari muri ico kibanza, mu bunywero bwarimwo abantu benshi bariko bivuna akanyota.

Ico gitero gikurikiye ikindi cari cakozwe muri iyo ntara nyene kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo, ahagandaguwe umuporisi umwe hamwe n’umuyobozi w’ishure rito rya Kavumwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.