IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ruyigi : Abigisha basabwa kudata inyigisho kubera ikigoyi

Ruyigi : Abigisha basabwa kudata inyigisho kubera ikigoyi

samedi 23 Myandagaro 2014

Abigisha bariko bakurikirana inyigisho z’amashure nshingiro mu ntara ya Ruyigi, bavuga ko ukubaho kuriko kurabagora, mu gihe bamaze iyinga yose bataronswa amafaranga yo kubaho.

Izo nyigisho ziriko zihabwa abigisha kugira baze bashobore kwigisha amashure nshingiro mu Burundi, zikaba zarahagaritswe n’abari bazitavye mu makomine ya Bweru na Gisuru yo mu ntara ya Ruyigi. Ivyo rero bikaba bije vyunyura ibivugwa n’abo bigisha, ko izo nyigisho bazigira umwanya muto, mu gihe hari ivyirwa bahabwa bategerezwa kwigisha muri ayo mashure nshingiro, nabo batabitahura nka neza. Aha bagatanga akarorero ko mu vyirwa vy’indimi. Abo bariko bagira izo nyigisho nkarishabwenge, bameza ko nk’ururimi rw’igiswahili n’icongereza batokwemeza ko baba bagiye kuzigisha bazitahura neza, mu gihe nabo nyene bazikarihishirizwamwo ubwenge akanya gato.

Mukamenya ko mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Ruyigi, basaba abo bigisha gutenyenya, ko amafaranga bazoyaronswa vuba cane, yabonetse. Babasaba kubandanya inyigisho barimwo, kugira umwaka w’ishure w’2014 ushira 2015 uze utangure izo nyigisho zarangiye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.