IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ruyigi: Terefone zo mu nzu ntizigikora

Ruyigi: Terefone zo mu nzu ntizigikora

mardi 18 Kigarama 2012

Kuva mu kwezi kwa Ntwarante uno mwaka, mu ntara ya Ruyigi terefone zo mu nzu ntizikora. Abo mu buzi bwa Reta eka mbere n̒’abikorera ivyabo baca bakoresha terefone ngendanwa. Ishirahamwe ritanga amatelefone yo mu nzu ONATEL rivuga ko ririndiriye abahinga kugira basubizeho imihora.

Gutumatumanako amakuru mu ntara ya Ruyigi bisigaye bigoye mu gihe kuva mu kwezi kwa Ntwarante uno mwaka amaterefone yo mu nzu adakora.

Mu gihe haheze ikiringo kingana n̒’amezi 9 amaterefone yo munzu adakora mu ntara ya Ruyigi, ingaruka mbi ntizoreka kwibonekeza mu buzi bumwe bumwe bwa Reta eka mbere no mu bikorera ivyabo. Nk’uko umunyamabanga mu biro bimwe vya Reta yabimenyesheje bagenzi bacu bo mu kinyamakuru iwacu, yaramenyesheje ko imbere y’uko ayo materefone yo mu nzu ahagarika gukora, bariha mw̒’ishirahamwe ONATEL ritanga ayo matelefone, amafaranga angana na 50.000 y̒amafaranga y̒amarundi mu gihe uno munsi amafaranga akoreshwa mu gisata co guhanahana amakuru ari hagati ya 150.000 na 250.000 y’amafaranga y’amarundi.

Uwundi mukozi wo mu rwego rumwe rwa Reta yamenyesheje ko amafaranga baronswa yo gutumatumanako amakuru adashobora guheza ukwezi kuko mu gihe amafaranga 5000 babaha aba arangiye badasubira gutumatumanako amakuru. Mu barongoye ama banki bobo bavuga ko uretse ko gukoresha terefone ngendanwa bibatwara uburyo butari buke, niyo bariko baganira nabo badasangiye imihora usanga batariko barumvikana neza nk’uko vyategerezwa.

Nayo kubwa buramatari w’intara ya Ruyigi Cyriaque Nshimirimana, ngo yarandikiye ikete umuyobozi wa ONATEL abasaba ko boza gukora ivyapfuye ariko n’ubu akaba atararonka inyishu..

Kubwo uwutwara ishirahamwe ONATEL mu karere Kk’ubuseruko ibiro, ngo barindiriye umurwi w’abashinwa uzoza gukora ahabaye ingorane, nayo kubijanye naho bazoshikira yamenyesheje ko vyobazwa abamukurira.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.