Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: FERWAFA yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Rwanda: FERWAFA yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu

Rwanda: FERWAFA yirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda (FERWAFA) ryirukanye umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu y’umupira w’amaguru Milutin ’Micho’ Sredojevic.

Itangazo ryo ku rubuga rwa internet rwa FERWAFA rivuga ko uyu mugabo yirukanywe kubera umwimbu muke .

Inyuma yo gutsindwa ibisindo 2-1 n’umurwi wa Mali, umurwi w’igihugu c’Urwanda ubu niyo iri inyuma mw’ itsinda irimwo mu mikino yo gutoramwo imirwi izokina mw’irushanwa ry’igikombe c’isi kizoba muri 2014.

JPEG - 17.8 ko
Milutin Sredojevic yahora ari umumenyereza umurwi nserukiragihugu,Rwanda

Milutin Sredojevic yatanguye kumenyereza umurwi w’igihugu c’Urwanda mu kwezi kwa Munyonyo m’umwaka w’ 2011 asubiriye umunyaghana Sellas Tetteh.

Uyu mugabo ava mu gihugu ca Serbia, yaje kumenyereza ubwa mbere imirwi yo muri Afrika muri 2001 ahereye ku murwi wo muri Uganda ya SC Villa.
Mu mirwi yamenyereje kandi harimwo Orlando Pirates yo muri Afrika y’epfo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.