Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Rwaronse ikibanza ca mbere mu kwonsa abana cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Rwanda: Rwaronse ikibanza ca mbere mu kwonsa abana cane

Rwanda: Rwaronse ikibanza ca mbere mu kwonsa abana cane

mardi 19 Ruhuhuma 2013

U Rwanda ngo ruza imbere kw’isi mu kwonsa abana cane, nk’uko biri mu cegeranyo gishasha c’ishirahamwe ry’abagiraneza Save the Children.

Abahinga bavuga ko umwana yonse amezi atandatu akurikirana aba asumvya incuro 15 uwutonse amahirwe yo kudahitanwa n’indwara zimwe zimwe nk’umusonga n’ugucibwamwo.

Ariko n’ubwo ico cegeranyo ahatari hake muri Afrika kwonsa biteye imbere, ariko ngo ibihugu bitari bike vy’uwo mugabane biracari inyuma mu guteza imbere ubwo buryo bworoshe cane bwo kugaburira no gukingira umwana.

Mu Rwanda n’ubwo ngo hari abavyeyi bashobora kubura akanya ko kwonsa, n’ibisanzwe kubona umuvyeyi ariko aronkereza ahagaragara.
Hari mbere n’abashobora kwonsa aho batonze kwa muganga, kw’isoko canke mbere no muri bisi.

Mu mategeko yo mu Rwanda , umuvyeyi ararekuriwe isaha imwe yo kuja kwonsa mu mwanya w’akazi gushika umwana ageze ku mezi 15.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.