Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Umukinyi w’umurundi Cédric muri 4 bahiganirwa ikibanza ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Rwanda : Umukinyi w’umurundi Cédric muri 4 bahiganirwa ikibanza ca (...)

Rwanda : Umukinyi w’umurundi Cédric muri 4 bahiganirwa ikibanza ca mbere

vendredi 6 Nyakanga 2013

Cédric Amissi ni umukinnyi w’umurundi akina mu murwi wa Rayon Sport mu Rwanda, rimwe na rimwe kandi akaba hari aho ahamagarwa mu bakinnyi b’umurwi nserukiragihugu c’Uburundi "Intambamurugamba". Cédrick ari mu bakinnyi bane bahiganirwa gutahukana agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2013.

Inyuma y’incuro ya mbere y’amatora yakozwe n’abamenyeshamakuru b’inkino naba kizigenza b’imirwi yo mu cicaro ca mbere n’ica kabiri, bari kumwe n’abamenyereza b’iyo mirwi, Cédric yasigaye muri 4 bahiganirwa ako gashimwe, kuko yigenjeje neza, akora ibikomeye mu murwi wa Rayon Sports asanzwe akinira.

JPEG - 21.8 ko
Cédric Hamissi akinira Rayon Sport, umwe muri bane bahiganirwa ikibanza c’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa ryo mu Rwanda

Muri abo bane basigaye, batatu bari kumwe na Cédric kuri urwo rutonde bose ubu bari kumwe n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda "Amavubi" muri Bénin. Abo nabo ni : Ndahinduka Michel akinira umurwi Bugesera mu cicaro ca kabiri na Mpozembizi Mouhamed akinira umurwi wa Musanze FC hamwe na Mugiraneza Jean Baptiste akinira nawe nyene umurwi wa APR FC.

Nk’uko FERWAFA, ishirahamwe ry’mupira w’amaguru mu Rwanda ribimenyesha, muri iryo higanwa hazotangwa kandi n’agashimwe ku munyezamu yigenjeje neza, umurwi mwiza n’umukinyi mwiza w’umunyarwanda akina mu makungu.

Bitegekanijwe ko hagati y’igenekerezo ya 11 na 13 Nyakanga 2013 ariho uwo mukinyi yigenjeje neza kurusha abandi azoba yamaze kumenyekana, hama ibirori vyo gutanga ako gashimwe bikaba bitegekanijwe genekerezo rya 14 Nyakanga 2013.

Tukivuga ivyerekeye iryo higanwa ry’umupira w’amaguru mu Rwanda ribonekamwo abarundi kw’isonga, twobamenyesha ko Mbilizi Christian wa Vital’O yamaze gushika mu gihugu c’Urwanda, mu murwi wa Kiyovu Sport. Amaezerano amuhuza n’uwo murwi akaba azomara imyaka ibiri. Mu rukino rwa kivandimwe baheruka gukina ku munsi wa gatatu, n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda "Amavubi, baranganije kimwe ku kindi. Umupira wavuyemwo igitsindo ca Kiyovu Sports watanzwe na Mbilizi Christian.

Hari n’abandi barundi baheruka kuronderwa mw’ihiganwa ryo mu Rwanda, mu murwi wa Kiyovu Sports. Ubu baramaze n’ukuja gutangura imyimenyerezo hamwe n’umumenyereza Kanyenkole benshi bazi kw’izina rya Younde nawe nyene yahora muri Vital’O. Abo bandi nabo ni : Munyakazi Youssouf batazira Lule, Ngirukwishaka Jean Marie, Ngirukwishaka Michel na Sauva Moussa Ally yahora akinira Inter Star


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.