Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Umukinyi w’umurundi “Cédrick Hamissi” amaze iminsi yitwara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Rwanda: Umukinyi w’umurundi “Cédrick Hamissi” amaze iminsi yitwara (...)

Rwanda: Umukinyi w’umurundi “Cédrick Hamissi” amaze iminsi yitwara neza

lundi 13 Rusama 2013

Cédrick Hamissi ni umukinyi w’umurundi akinira umurwi w’igihugu c’Uburundi Intamba mu rugamba, akaba kandi akinira mu gihugu c’Urwanda mu murwi wa Rayon Sport.

Uyo musore nk’uko ibinyamakuru vyo mu Rwanda bibivuga, babona afitiye kazoza kadasanzwe umurwi wa Rayon Sport kuko amaze kuyitsinda ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’igikombe ca championat y’uyu mwaka yitwa (Primus National Football League).

Hamissi ubu akaba ari k’urutonde rw’abakinyi bamaze gutsinda ibitsindo vyinshi muri iri higanwa, ikindi ni uko mu murwi wa Rayon Sports akinamwo, ariwo wa mbere mw’ihiganwa, ukaba uhabwa amahirwe yo gutwara igikombe c’uyu mwaka wa 2013, ibitsindo yatsinze mu murwi asanzwe akinira, nivyo vyagiye biduza amanota ya Rayon Sports.

Nk’urukino rwabaye kuri uyu w’Imana hagati ya Rayon Sports n’umurwi witwa AS Muhanga ku kibuga citiriwe amahoro y’Urwanda, mu bitsindo bitandatu Rayon Sports yatsinze, Hamissi yatsinze bibiri n’ibindi vyinshi bikava kuri we, ivyo bituma uyo murwi ugira amahirwe nk’aya FC Barcelona yo gutwara igikombe c’uyu mwaka.

Nk’uko Cédrick Hamissi yabitubariye, avugako iyo yumva abantu bavuga ko ari umuhinga, aca ashimira abagenzi biwe bakinana kuko ntavyo yoshobora wenyene kandi ntiyokwibagira gushimira umumenyereza w’umurwi wa Rayon Sports ariwe Didier Gomez kuko abona bariko bitwara neza mu mahiganwa.

Abandanya avuga ko kuri we, ubu abona bafise amahirwe yo gutwara igikombe bayafitse ijana kw’ijana, kuko imirwi ibiri bazokinana itabateye ubwoba namba kuko iyo batsinze ariyo yari ikomeye kuruta iyo bazokina.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.