Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Uwahoze arongoye igendereza ryo hanze y’igihugu yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Rwanda : Uwahoze arongoye igendereza ryo hanze y’igihugu yagandaguwe

Rwanda : Uwahoze arongoye igendereza ryo hanze y’igihugu yagandaguwe

jeudi 2 Nzero 2014

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bo mu mahanga bamenyesheje urupfu rwa Colonel Patrick Karegeya yahoze arongoye gushika mu mwaka w’2004 igendereza ryo hanze y’igihugu c’Urwanda, urupfu rwabereye i Johannesburg, mu gihugu ca Afrika y’epfo. Colonel Patrick Karegeya yatowe ikiziga mu cumba co kw’ihoteri Michelangelo Towers, iri muri karitiye ya Sandton, mu gisagara ca Johannesburg.

Amakuru dukesha RFI amenyesha ko ku murango wo kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2013, Patrick Karegeya yamenyesheje abo baganiriye ko afise umubonano na Apollo, uwo bashaka kuganira, mw’ihoteri Michelangelo Towers. Amasaha ya nyuma bamuherukirako akaba ari isaha imwe n’iminota mirongo itatu z’ijoro.
Mu gatondo ko ku munsi w’ejo igenekerezo rya mbere Nzero, niho umwishwa wiwe yaja kuri iyo hoteri gusaba ko yobonana na Patrick Karegeya. Yinjiye mu cumba yari arimwo, yasanze yagandaguwe, abanje kunigwa, uwo Apollo bivugwa ko bari kumwe akaba atashooboye kuboneka, nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha.

JPEG - 11.9 ko
Colonel Patrick Karegeya akiri mu gisirikare c’Urwanda

Ubutegetsi bwa Kigali buriko buratungwa agatoke

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bamenyesha ko urupfu rwa Patrick Karegeya rwoba rurimwo imvo za poritike, kandi yoba yagandaguwe n’ubutegetsi bw’i Kigali. Général Kayumba Nyamwasa, yahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, asanzwe nawe nyene ari mu buhungiro mu gihugu ca Afrika y’epfo yasiguye ko urupfu rwa Patrick Karegeya rufise umvo za poritike, ivyo akabivuga yisunze ko nawe yahaswe kugandagurwa mu mwaka w’2010.

Amakenga ni menshi kuri urwo rupfu rwa Col. Patrick Karegeya. Abamuzi bamuvuga nk’umuntu yahora yama yikeka kandi yikingira abashobora kumuzimanganiriza ubuzima. Amakuru atangwa na RFI amenyesha ko aho Patrick Karegeya yari mu gihugu ca Afrika y’epfo, yari yarasavye ko igendereza rya Afrika y’epfo rireka kumucunga kugira agire umwidegemvyo wo kwishira n’ukwizana.

Colonel Patrick Karegeya yari amaze imyaka itandatu mu buhungiro mu gihugu ca Afrika y’epfo. Yahoze ari umuyobozi mukuru w’igendereza ryo hanze y’igihugu c’Urwanda kuva mu mwaka w’1994 gushika mu mwaka w’2004. Imbere y’uko hibonekeza ukutumvikana, Patrick Karegeya yahoze ari mu begereye cane umukuru w’igihugu Paul Kagame. Yaratawe mu mvuto kabiri kose, ahava ahunga igihugu mu mwaka w’2007.


IGIHE

Messages

  • birababaje gusa imana imwakire mubayo ngibyo ibibera murwanda ahaaaaaa!!!! gusa imana itabare abanyarwanda

  • Ndabibemereye nkumurundi jewe birambabaje kandibinteyubwoba! harakantu Rwandais people ahobari ububatayumutwe kukobiteyubwoba. Yoooooooh! Abakora amashanonkayo................abazobabakihari just wait about 3 years will already seem their salary. Imana imuhe uburuhuko iwayo kukonubundi niyoyamuremye.

  • Narabivuze akatari gake
    "Urucira mukaso rugatwara nyoko". Jewe mbabazwa n’abazozira ubusa kubera Kagame na Museveni. Aho bukera, abanyarwanda bahakwa kwiruka no kwinyegeza iyo baturuka. Ibihugu bikwiye kwitegurira umuzo wabo. Mamadou na Karegeya bahejeje kwicirwa rimwe kandi ntibigiye kwijana nk’abo twabuze mu Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.