IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rwasa Agathon : "Edouard Nduwimana siwe yari kumbwira ko ntaza (...)

Rwasa Agathon : "Edouard Nduwimana siwe yari kumbwira ko ntaza kwumvirizwa"

mardi 16 Kigarama 2014

Agathon Rwasa avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL ariyamiriza iterabwoba ariko arakorerwa n’ubutegetsi bw’Uburundi, aho abaporisi cumi n’umwe aribo bamushira umutahe w’ukwitaba ubutungane kandi n’umuntu umwe gusa yari kuwumuzanira. Agathon Rwasa agatangazwa kandi n’ukubona umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ariwe amuhamagara kugira amubwire ko isango ryahindutse.

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko Sentare isubiramwo imanza yumviriza Rwasa Agathon mu gatondo ko kuri uwu wa mbere nk’uko vyari ku mutahe yari yarungikiwe, uwo yahoze ari umukuru w’abarwanyi ba PALIPEHUTU FNL yabwiwe ko yosubira inyuma, akazotumwako hanyuma. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana niwe yahamagaye ubwiwe Rwasa Agathon kuri ngendanwa (Téléphone mobile) amubwira ko ataza kwumvirizwa kubera umucamanza yari afise urwo rubanza yarungitswe mu yandi mabanga. Rwasa Agathon aratangazwa n’ukubona Edouard Nduwimana ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu ariwe amumenyesha ingingo yo mu butungane. Kubwa Rwasa Agathon, naho vyari kuba vyashitse uwufise urwo rubanza agahabwa ibindi bikorwa, bari kumwandikira bakabimumenyesha, nk’uko no mu kumutumako bari bamwandikiye.

Muri ukwo gutumwako mu butungane, Rwasa Agathon abonamwo iterabwoba ry’umugambwe uri ku butegetsi, ivyo akabivuga yisunze ivyamutangaje, aho abaporisi cumi n’umwe aribo bamuzaniye umutahe w’ukwitaba mu butungane, kandi n’umukozi umwe gusa (platon) wo muri sentare isubiramwo imanza yari gushobora kumushikiriza uwo mutahe. Mu gihe abonamwo intumbero y’ugushaka kumubuza kuzokwitaba amatora ategekanijwe mu 2015, Rwasa Agathon yibutsa abatwara Uburundi ko igihe c’ugutegeka abanyagihugu uwo batora camaze kurengana, agasaba ko abo bategetsi bokwemera ihiganwa, Uburundi bukarongorwa n’abitorewe n’abanyagihugu, kuko ariyo ntwaro rusangi (Démocratie).

Tubibutse ko abanyagihugu isinzi bari baje kumushigikira baciye bamukurikira ku muhana iwe i Kiriri, bagenda bararirimba indirimbo z’ukumuhayagiza, bafise n’inzandiko zariko amajambo asa n’ayasaba ko ubutungane bwokora no ku bundi bwicanyi bwakozwe mu Burundi. Amwe muri ayo majambo yavuga ati : “ Abarishije abantu amazirantoke ni bande ?, Musenyeri Michael Courtney na Musenyeri Yohakimu Ruhuna ni bande ? Abakereye amazosi y’ababikira b’Abatariyanokazi mu Kamenge kwa Buyengero ni bande ? .

Amakuru atangwa n’abagereye Rwasa Agathon akamenyesha ko bane muri abo banywanyi ba FNL batawe muri yompi, babiri muribo (Bizoza Athanase na Nizigiyimana Justin) bakaba bapfungiwe muri BSR. Abo bandi babiri tukaba tutarashobora kumenya aho bapfungiwe. Hakaba kandi hari n’umunyagihugu umwe yatswe iparati ndangamuduga (plaque) y’imodoka yarimwo, akaba yariko agenda aravuza amahoni (klaxon), ari kumwe n’abanywanyi ba FNL ya Rwasa Agathon bariko bararirimba indirimbo zimuhayagiza.


Egide Nduwimana

Messages

  • nta politike bashoboye aba dd nibande batuveko niterasoni kutamenya amabanga ushinzwe bisigura ko ubutungane butigenga none duware akora mubushikiranganji bwubutungane?ikimbabaza nuko vyose bizotukwa prsdent yanka yakunda aryamagaramye,akikamye niwe

  • Nzokwemera ko abarundi twayinze muri 2015!

  • jewe ivyo ndavyita guta umutwe kw’indongozi, ibizoba aho baza baravyonga abantu baze babikingire abarundi. Abaheruka gukurwa nabo tubasavye ko bokwitonda ntibacanemwo

  • BARAMUTORA NAWE TURABE KO ADAKORA NKABO ..TWEBWE INKEHWA DUTEGA UMUTWE NK UMUMOBWA YEMWE----!!!!!

  • Vyamaze Kugaragara Ko Ubutungane Mu Burundi Bwacu Ko Butariko Bwigenga, Ko Bukoreshwa N Ubutegetsi.Biratangaje Rero Kubona Nduwimana Edouard Yarize Amategeko Agakora Ibintu Nk Ivyo.Bari Bakwiye Kumukura Kuko Azota Igihugu Mumanga.

  • Rekantuze ibararyobariguye nkigiye uwomugabo Rwasa yoramutswa u Burundi, nacanecane kuritwebwe abatutsi bakunze kutwitirira amabi yakorewe abatutsi twobaturyakaye, ekantibikabe ahubwompamagariye nyabuna abatutsi twese tugende muri DD yoyo yatangujwe namokoyose agize abarundi ivyobituma ubwokobwose buwurimwo atawukorera kuribaranyica (nkuwutevekwa nubwoko bunaka ivyategerezwa gukora.

  • Rwasa turi inyuma yawe turagushigikiye ukomere kandi wihangane ariko jewe nd"umututsi ntuze utwice sha uzoba ukoze Imana yodufasha dd ikatuva k’umutwe nukuri Imana yoba idutabaye eseeeeee Mana yo mw’ijuru wokwumva amaborogo ya bana ba bantu ukadukurako dd °°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°°

  • Uwinkunda nomumenyesha ko rwasa atamacakubiri afise yaba ayafise igih cintambara yamusaga yahatakarije abasoda beshi ntiyari gutanga abatutsi33 yahunganye nabo yari gutanga itegeko bakicwa wobaza musenyeri ngoyagoye yagiye kubatora kur paroise nyabiraba

  • Nimuvuge Make Nkurunziza Azoguma Abatwara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.