Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SADC iranegura itegurwa ry’amatora muri Zimbabwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > SADC iranegura itegurwa ry’amatora muri Zimbabwe

SADC iranegura itegurwa ry’amatora muri Zimbabwe

lundi 22 Mukakaro 2013

Abarongoye ishirahamwe ry’iterambere ry’ibihugu vyo mu Bumanuko bw’Afrika (SADC) bamenyesha ko gutegura amatora mu gihugu ca Zimbabwe bikirimwo ingorane na rirya ayo matora ariko ategurwa mu mwanya muto.

Mu kwezi guheze, ibihugu 15 bigize iryo shirahamwe vyasavye Zimbabwe ko amatora yateguwe kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro, yokwegezwa imbere nk’amayinga abiri gusa, kugira bahe umwanya abitegurira gutora, kandi ngo abe amatora meza, yizewe na bose mu bazokwitoza. Ivyo rero vyasabwe nivyo bihugu ntivvyumviwe, kuko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ngaho mu gihugu ca Zimbabwe yagumijeho igenekerezo ryari ryasabwe na Robert Mugabe, umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete yabariye abanditsi n’abamenyeshamakuru inyuma y’inama yari yahuje bamwe mu bakuru b’ibihugu vyo muri SADC, aho bariko barabira hamwe ikibazo c’umutekano, ko bipfuje cane ko ivyo bari basavye igihugu ca Zimbabwe vyari kuja mu ngiro na cane cane umwanya wo gutegurirako amatora. Iyo nama ya SADC rero ikaba yari yitabwe na Jakaya Kikwete umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Jacok Zuma umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo na Armando Guebuza aronoye igihugu ca Mozambique.

Kikwete abandanya avuga ko gutegura amatora mu kiringo kitarenze ukwezi kumwe biruhisha cane. Ariko rero naho biri ukwo, abandanya avuga ko ishirahamwe SADC ryamaze gutegura abazokurikirana ayo matora muri ico gihugu ca Zimbabwe bashika ku 360, kandi ishirahamwe rikaba ryariyemeje ko rigiye kuzokurikirana ayo matora gushika, kandi rikazofasha kugira amatora azogende neza.

Ubutunzi rero muri Zimbabwe bukaba butifashe neza, ari naco gituma ico gihugu gitegerezwa gukora ukwo gishoboye mu kurondera amafaranga kugira gishobore gutegura amatora neza. Ariko rero ico gikorwa kikaba kitokorwa na Robert Mugabe, ahubwo yofashwa na mugenziwe bafashanya kurongora igihugu Tsvangirai asanzwe ari umushikiranganji wiwe wa mbere, ndetse akaba n’umukeba wiwe wa mbere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.