Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Safia Farkesh asaba ko bomwereka ahashinguwe umunega wiwe Kaddafi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Safia Farkesh asaba ko bomwereka ahashinguwe umunega wiwe Kaddafi

Safia Farkesh asaba ko bomwereka ahashinguwe umunega wiwe Kaddafi

mardi 22 Gitugutu 2013

Inyuma y’imyaka ibiri ihaciye umunega wiwe yishwe, Safia Farkesh, umupfakazi w’uwuwahoze atwarara igihugu ca Libiya, Mouammar Kaddafi yasasavye abagize umuryango w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, kwerekana ikibanza cashinguwemwo umunega wiwe hamwe n’ahashinguwe umuhungu wiwe Mouatassim.

Mu gihe yariko aribuka imyaka ibiri ihaciye umunega wiwe Mouammar kaddafi apfuye, hari kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu 2011, uwo nawe akaba yahoze igihugu ca Libiya, Safia Farkech yarasubiriye kwiyereka imboneshakure n’amaradiyo. Mw’ikete yandikiye amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, ryasohotse kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Gitugutu 2013, biciye mw’iradiyo y’abarusiya « The Voice of Russia » asaba ko bomufasha bakamwereka aho ibiziga vy’abiwe vyashinguwe. Ic ‘umugabo wiwe n’umungu wiwe n’abari bacungereye ubuzima bwabo. Ivyo yabisavye kugira imiryango yabo ibahambe nk’uko yvyipfuje kuva imbere y’igihe.

Ikindi naco, Safia Farkech yasavye ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryotanguza amatohoza kuvyerekeraniyeurupfu rw’umugabo wiwe yahoze atwara igihugu ca Libiya hamwe n’abamugendanira co kimwe n’umwe mu bana babo. Yongera asaba ko amashirahamwe ajejwe gukingira agateka ka zinamuntu kumufasha gutora umuhungu wiwe Seif el- Islam Kaddafi, yafashwe mu gisagara ca Zenten, mu Bumanuko bushira Uburengero bw’igihugu ca Libiya.

Mwokwibuka ko umuhisi Mouammar kaddafi n’umuhungu wiwe Mouatassim bafashwe baca baricwa n’abahoze ari abarwanyi kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu i Syrtre, mu gihugu hagati. Ibiziga vyabo bikaba vyaciye vyerekenwa ku mugaragaro i Mistrata, ku birometero 214 mu Buseruko bw’igisagara ca Tripoli, imbere y’uko bajanwa gushingurwa ahantu n’ubu hataramenyekanya, atari abateguye kubashngura bonyene bazi.

JPEG - 40.3 ko
Seif el- Islam Umwe mu bana ba Kaddafi apfunzwe

Seif el-Islam, inyuma yaho amenyekaniye ko ariwe yateguwe gusubirira se, yaciye afatwa mu Bumanuko bwa Libiya n’abahoze ari abarwanyi b’i Zenten ari naho akibohwe gushika ubu. Ivyo bikaba vyabaye inyuma y’ukwezi, se na murumunawe bagandaguwe. Mwomenya kandi ko Safia n’umuhungu wiwe Hannibal w’imyaka 38 bakiri mu gihu ca Algerie, aho bakiriwe nk’impunzi kuva aho umutekano uhunganabaniye kuva muri Myandagaro umwaka w’2011. Kugeza n’ubu, Leta y’igihugu ca Algeriya ikaba yaririnze gutangaza aho abo bantu babiri babakiriye.

JPEG - 13.8 ko
Saif al-Arab umugungu wa Kaddafi yishwe ari kumwe na se

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.