Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Saido Ntibazonkiza agiye gukinira umurwi wa Caen mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido Ntibazonkiza agiye gukinira umurwi wa Caen mu Bufaransa

Saido Ntibazonkiza agiye gukinira umurwi wa Caen mu Bufaransa

mardi 15 Nyakanga 2015

Umukinyi Saido Ntibazonkiza ashobora gushira umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wa Caen wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Maxifoot co mu gihugu c’Ubufaransa,Saido Ntibazonkiza w’imyaka 28 y’amavuko,ashobora gusinyira gukinira umurwi Caen,mu kiringo c’imyaka 3.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abaganga b’umurwi wa Caen bamaze kumugirira ibipimo basanga,umukinyi Saido Ntibazonkiza,arashobora gukina ata ngorane n’imwe.

Saido Ntibazonkiza yahora akinira umurwi wa Akhisarspor wo mu gihugu ca Turquie.Imbere yaho, yarakinye mu murwi wa Nec Nijmegen muri Hollande arakina kandi mu murwi wa Cracovia Mks muri Pologne.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.