Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Samuel Eto’o afise ubwoba ko ashobora kwicwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Samuel Eto’o afise ubwoba ko ashobora kwicwa

Samuel Eto’o afise ubwoba ko ashobora kwicwa

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Eto’o yarashize ahabona ibiturire biri mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Cameroun “Fecafoot” kubw’ivyo amenyesha ko ubuzima bw’iwe bubabangamiwe.

Nk’uko yabimenyesheje mu kiganiro yatanze ku mboneshakure yo muri Cameroun je wanda avuga ko iryo shirahamwe ridafise ubushobozi bukwiye kandi ngo rirarya ibiturire cane.

JPEG - 8.9 ko

Uwo mukinyi rurangiranwa amenyesha ko hari abantu bashaka kuguma bakurikirana ubutunzi bwabo kandi aba aribo bakoresheje inguvu zabo kugira baronke amahera baba bakoreye.

Eto’o akaba amenyesha ko ubu afise abantu bamucungerera ubuzima kuva igihe yaja muri Cameroun kugira akinire umugwi nserukira gihugu. Kubera ivyo vyose , hari umuntu ari ku muryango w’inzu yiwe ijoro n’umutaga kugira amucungere.Eto’o avuga ko adashobora no kwambara umwambaro wiwe w’umupira zikorerwa muri PUMA kuko ziba zizimvye.

Kuva aho ahagaritswe mu murwi w’igihugu amezi umunani yose igihe bagomba guhura mu rukino rwabahuza n’umugwi w’ igihugu ca Algerie,kw’ igenekerezo rya 25 Myandagaro umwaka w’2012 bari bamutumyeko mu mugwi ariko yaciye yanka avuga ko adashobora kuza ku mvo z’umutekano.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.