Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sarkozy yoba agiye kugaruka ku rubuga rwa Politike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sarkozy yoba agiye kugaruka ku rubuga rwa Politike

Sarkozy yoba agiye kugaruka ku rubuga rwa Politike

mercredi 6 Ntwarante 2013

Nicolas Sarkozy yahoze arongoye ubufaransa, aremeza ko atipfuza kugaruka muri politike ariko ko kubera uko ibintu vyifashe mu gihugu c’Ubufaransa ategerezwa kugaruka muri politike.

Mu gihe hariko havugwa vyinshi kw’igaruka rya Sarkozy muri politike y’Ubufaransa,Nicolas Sarkozy yavuze ati :« Hariho igihe ikibazo kitazoba ngo uripfuza ? ariko kizoba,woba arivyo wahisemwo ? Muri ico gihe sinzobandanya kwibwira ngo ndanezerewe,njanye umwana kw’ishuri ubu nkora imanama kw’isi yose.»

«Muri ico gihe nzoba ntegerezwa gusubira muri politike,atari kubera ndavyipfuza ariko kubera ari ivyo ntegerezwa kubera ari Ubufaransa.»

Nk’uko Sarkozy yabandanije abimenyesha,ntiyari afise icipfuzo co kubandanya politike kimutera ibibazo bituma yokwitaba Imana.

Sarkozy yavuze ati : «Raba ingene banfashe igihe bandengutsa mu rubanza rwa Bettencourt nkabazwa amasaha 13,ntibagiye ingene bafashe umukenyezi wanje bakamubuza kuririmba mu kiringo c’imyaka 5.»

Bamubajije kugirango bamenye nimba agomba kwihora,Hollande yavuze ko ivyo ari ivyiyumviro bibi ariko ko agomba gufatira Ubufaransa aho aba socialiste bazoba babusize.

Tubibutseko Sarkozy yavuye ku butegetsi igenekerezo rya 6 Rusama 2012,atsinzwe na Francois Hollande.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.