Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sebastian Coe yatowe ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Sebastian Coe yatowe ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora (...)

Sebastian Coe yatowe ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi

mercredi 19 Myandagaro 2015

Umwongereza Sebastian Coe niwe yatowe mu gatondo ko kuwa gatatu igenekerezo rya 19 Myandagaro 2015,ngo arongore ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi.

Ibikorwa vyo gutora umuyobozi mushasha w’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi,vyabereye mu gisagara ca Pekin mu gihugu c’Ubushinwa.Sebastian Coe aje gusubirira Lamin Diak w’imyaka 82 y’amavuko.

Mu bikorwa bimurindiriye,harimwo gukurikiranira hafi ibijanye n’ibivugwa ku banonotsi batari bake,ko boba bakoresha imiti canke ibindi binyobwa bibaha inguvu mu gihe c’amahiganwa.

Ibirori vyo gushikiriza ku mugaragaro Sebastian Coe bizoba mu gihe c’amahiganwa mpuzamakungu azobera mu gisagara ca Pekin kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika kurya 30 Myandagaro 2015.

Uwundi yahiganwa na Sebastian Coe ni umunya Ukraine Serguei Bubka.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.