Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Seleka na Anti balaka mu kangaratete ka ONU - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Seleka na Anti balaka mu kangaratete ka ONU

Seleka na Anti balaka mu kangaratete ka ONU

vendredi 6 Ruheshi 2014

Abashakashatsi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko yaba umuhari wa SELEKA canke aba ANTI BALAKA bose bakoreye amahano abanyagihugu.

Mu cegeranyo abo bashakashatsi badasaznwe bahaye inama ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bavuga ko iyo mirwi uko ari ibiri yakoreye amahano abanyagihugu. Abo bashakashatsi bakavuga ko mu makambi atandukanye y’abateshejwe izabo, abanyagihugu bakorewe amabi menshi atandukanye, kandi babifitiye ivyemezo, eka ndetse n’ivyegeranyo babifise, ari naco gituma iyo mihari itoshira agati mu ryinyo.

Mwomenya ko abo bahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bemeza ko izindi nteko zikenewe kugira zifashe mu kugarukana amahoro muri ico gihugu ca Centrafrika, kuko n’ubu iyo mihari igifise abantu bagenda barahungabanya abandi, aho babona ko n’ubu ihonyabwoko muri ico gihugu rishobora kuhaba, hamwe amakungu atokanura maremare.


Aristide N.

Messages

  • Ahubwo izo ngabo zacu nizihute gusukamwo mabisi, zije hagati y’abo bahungu ba ntibaraka na sereka ntibamarane; igihugu cacu kibandanye ciha izina mumakungu, ibidare bidutahe gushika na mpaka. Iyo ibindi bihugu biriko biriha ibara mukugandagura abana bavyo, Icacu kihabonera akaryo ko kwiha izina mukubereka ingene basimbai; imanga twahatswe kurwamwo mumyaka iheze. Erega casa n’ico.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.