Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Senegal: Hissène Habré yasubiye kurenguka imbere ya sentare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Senegal: Hissène Habré yasubiye kurenguka imbere ya sentare

Senegal: Hissène Habré yasubiye kurenguka imbere ya sentare

lundi 7 Nyakanga 2015

Hissène Habré yahoze arongoye igihugu ca Tchad yasubiye kurenguka imbere ya sentare kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Nyakanga 2015.

Hissène Habré yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara,ivyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu hamwe,guhohotera ikiremwa muntu,n’ibindi vyaha vyakorewe mu gihugu ca Tchad yari arongoye.

Igihe Hissène Habré w’imyaka 72 y’amavuko aheruka kurenguka imbere y’ubucamanza,ari kumwe n’abamuburanira baranse kwitaba sentare basigura ko batemera ubucamanza,biba ngombwa ko bakoresha abasore bafise inguvu kugira bamushikane imbere y’ubutungane.

Kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 2015,igihe urubanza rwiwe rwatangura, Hissène Habré yanse kugira ico avuze imbere y’abacamanza avuga ko atizeye ubutungane.
Hissène Habré yahawe ubuhungiro muri Sénégal inyuma yo gutembaganzwa ku butegetsi na Idriss Deby Itno arongoye igihugu ca Tchad muri iki gihe.

Yagirizwa ivyaha vyakozwe hagati y’umwaka wa 1982 na 1990. Ababuranira abakorewe ivyaba vyitezwe ko bazoburanira abantu bashika 4000 bakorewe ivyaha bitandukanye na Hissène Habré.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Emwe Eka Nongaha Iwacu, Bitebe Bitebuke, Azokwitaba Ubutungane. Kandi Natwe Ackorerwa Ivyaha N’ Ayandi Mabi Tuguma Tuvyandika. Nigwageranako Tuzorondera Aba Avocats Bazi Kuburana. Niyanana Nk’ Uko Abimenyereye, Imisore Y’ Imbonerakure Niyo Izomuterura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.