Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sénégal : Mohammed Dionne niwe yagenwe mu mabanga y’umushikiranganji wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sénégal : Mohammed Dionne niwe yagenwe mu mabanga y’umushikiranganji wa (...)

Sénégal : Mohammed Dionne niwe yagenwe mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere

lundi 7 Mukakaro 2014

Mohamed Dionne, asanzwe yegereye cane umukuru w’igihugu ca Sénégal Macky Sall niwe yagenywe kuri uno w’Imana igenekerezo rya 6 Mukakaro, kugira abe umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu. Mohamed Dionne akaba asubiriye mu kibanza cahoramwo Aminata Touré, yakombowe amaze amezi 10 gusa.

Uwo mushikiranganji wa mbere asubiriye Aminata Touré afise imyaka y’amavuko 54. Mohammed Dionne yavutse ku genekerezo rya 22 Nyakanga 1959 i Gossas hafi ku birometero 200 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Dakar. Guhera mu kwezi kwa Ntwarante, yakora mu biro vy’umukuru w’igihugu, ajejwe gukurikirana umugambi w’iterambere mu vyerekeye ubutunzi n’imibano.

JPEG - 84 ko
Mohammed Dionne yashinzwe amabanga y’umushikiranganji wa mbere wa Sénégal

Abasanzwe bamuzi bavuga ko ari umukozi akunda ibikorwa, umuntu abika ibanga akongera akaba yegereye umukuru w’igihugu Macky Sall. Mohamed Dionne akaba abaye umushikiranganji wa mbere agira gatatu ku ntwaro ya Macky Sall, inyuma Abdoul Mbaye na Aminata Touré aheruka gukomborwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.