Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sénégal : Umushikiranganji wa mbere yakuwe mu mabanga yiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sénégal : Umushikiranganji wa mbere yakuwe mu mabanga yiwe

Sénégal : Umushikiranganji wa mbere yakuwe mu mabanga yiwe

samedi 5 Mukakaro 2014

Aminata Touré, umushikiranganji wa mbere wo mu gihugu ca sénégal yakombowe mu mabanga yiwe kuri uno wa gatanu. Umukuru w’igihugu Macky Sall akaba atari akimufitiye icizere.

Aminata Touré , umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca sénégal yari yashinzwe ayo mabanga ku genekerezo rya 1 Nyakanga 2013 n’umukuru w’igihugu ca sénégal. Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 4 Mukakaro, abegereye uwo mushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Senegal nibo batanguye kumenyesha ko yakuwe muri ayo mabanga y’ubushikiranganji bwa mbere. Abamuzi bavuga ko ari umupfasoni w’ijunja n’ijambo. Aminata Touré yari yarashoboye kwubaka izina ryiwe mu kuzunguruka amabarabara menshi y’igihugu mu myimamazo yo kwitoza kwa Macky Sall mu mwaka w’2012, mu nyuma niho yaciye arongora ubushikiranganji bw’ubutungane.

Kuva atanguye kurongora ubushikiranganji bw’ubutungane mu kwezi kwa Ndamukiza 2012 gushika mu kwezi kwa Nyakanga 2013, yari yamamaye bavuga ko ari mu bantu barwanije bimwe biboneka igiturire cane mu gihugu ca Sénégal. Ndetse uwo mupfasoni yoba yarirengagije n’ibihangange bikomakomaye ngaho mu gihugu ca Senegal ,aho ndetse yashoboye kwihutisha no kurangiza amadosiye yari mu butungane y’ubutunzi, bwaronswe bidaciye mu nzira zo. Ivyo rero vyagaragarira mw’ihagarikwa hamwe n’ihamagarwa mu butungane yaba abahoze ari abashikiranganji, abayobozi bakuru bakuru mu mashirahamwe akomakomeye.

Ndetse yaranafashije mw’ihagarikwa ry’umunyatchad yatwaza intwaro y’umukazo Hissène Habré ,asanzwe yari yarahungiye mu gihugu ca senegal i Dakar guhera mu mwaka w’1990.


Floxella Karire

Messages

  • ABAKENYEZI MURI AFRIKA TURI MU MAZIABIRA ..DUSHAKA ORDRE ABAGABO NABO BAMENYEREYE GANZA SABWA BASHAKA IBINDI HHEEE NUKO URUGAMBA TURUGUMEKO..CONCILIYA ARABA YUMVA ...IBUKE BA ALICE NZOMUKUNDA ,

  • ABAKENYEZI MURI AFRIKA TURI MU MAZIABIRA ..DUSHAKA ORDRE ABAGABO NABO BAMENYEREYE GANZA SABWA BASHAKA IBINDI HHEEE NUKO URUGAMBA TURUGUMEKO..CONCILIYA ARABA YUMVA ...IBUKE BA ALICE NZOMUKUNDA ,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.