Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Senga FC yaraye itsinze igitsindo 1-0 umugwi Les Lierres FC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Senga FC yaraye itsinze igitsindo 1-0 umugwi Les Lierres FC

Senga FC yaraye itsinze igitsindo 1-0 umugwi Les Lierres FC

lundi 25 Ruhuhuma 2013

Kumunsi wa gatandatu igenekerezo rya 23 ruhuhuma uyu mwaka turimwo kukibuga c’umupira w’amaguru co muri Quartie ya Buyenzi kiri kurusengero rwa St Augustin,harabaye urukino rw’umupira w’amaguru wahuje imigwi y’imikangara ariyo les lierres FC hamwe na Senga FC.

Urwo rukino rwatanguye igihe c’isaha cumi zo kumuhingamo rukaba rwari rwitabwe n’abarorerezi atari bake, ndeste n’abakuru bamwebamwe bari bahageze,aho twovuga nkabasanzwe barongoye imigwi y’imipira y’amaguru,abakora mubushikiranganje bw’inkino n’imico kama eka n’abandi.

JPEG - 33.8 ko

Mururwo rukino abakinyi bose bakina neza kuko vyaraboneka ko bose basa nk’abanganya umupira,igice c’ambere kikaba carangiye umugwi Senga FC ufise igitsindo 1,bavuye mukaruhuko umupira wabandanije neza cane kuko vyaboneka ko iyo migwi yose ishaka gutsinda,ariko rero naho umugwi wa les lierres waza wabishavuriye ngo ugarure igistindo ntivyaworoheye kuko n’umugwi wa Senga FC wari waje wazikenye ngo ntibahave bawuca imbere ngo utsindwe,urukino rero rukaba rwaciye rurangira kumunota wa 90 kunstinzi y’umugwi Senga FC kugistindo 1 - 0 bw’umugwi les lierres.

JPEG - 26.2 ko

Inyuma y’urwo rukino haciye hatangwa ubushimwe n’ibikombe kubigenjeje neza murizo nkino.Uwambere yaronkejwe agashimwe akaba ari umumenyereza yigenjeje neza munkino yahagarikiye,uwo nawe akaba yaronkejwe agashimwe k’umwambaro mushasha w’abahagarikizi,uwakabiri yaronkejwe agashimwe akaba arumusore w’imyaka 14 akina umupira w’amaguru akaba ariwe amaze kw’injiza ibistindo vyinshi munkino bamaze gukina,akaba nawe yaronkejwe agashimwe k’igikombe hamwe n’umupira w’amaguru,abandi baronkejwe udushimwe akaba ari imigwi ya les lierres na Senga FC ikaba yaronkejwe igikombe umwe umwe wese.

Inyuma y’ivyo abavuze amajambo atandukanye umwe wese akaba yarakeje iyo migwi yose yagize iryo higanwa kubona yarigenjeje neza bakaba baranemeye kuza barayifata mumugongo umwe wese uko azobishobora.


Keza Alexandrine

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.