IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahagurukiye ikibazo c’Uburundi

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yahagurukiye ikibazo c’Uburundi

samedi 9 Rusama 2015

Umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha aragabisha ubutegetsi bw’Uburundi ko ubwicanyi buriko buribonekeza muri kino gihugu budahagaze, iyo sentare igiye kubuhagurikira.

Inyuma y’imyiyerekano imaze iminsi itari mike mu gisagara ca Bujumbura ndetse no hagati mu gihe mu ntumbero yo kwiyamiriza ikiringo kigira gatatu c’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, abantu barenga kuri cumi na babiri(12) baramaze kuhasiga ubuzima bamwe bishwe baranshwe, uwundi akaba yishwe aturiwe muri komine ya Nyakabiga.

JPEG - 48.1 ko
Fatou Bensouda ,Umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpana vyaha,

Umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, Fatou Bensouda aragabisha ko ibiriko biraba mu Burundi badashobora kuguma bavyihanganira narirya biriko biba mu gihe igihugu cari kigeze kwitegurira amatora, ivyo navyo bigashobora gutuma akajagari kongerekana. Fatou Bensouda ahamagarira abategetsi b’Uburundi gufata ico kibazo mu minwe, bagakora amatohoza ndetse bakanahana bariko barakora ubwo bwicanyi, bongere basubire kugarukana icuka ciza mu gihugu. Arongera akibutsa ko Uburundi bwateye umukono ku masezerano yo gukorana niyo sentare kuva mu mwaka 2004.

Ku bwuwo mushikirizamanaza, hamwe Reta y’Uburundi yokwega ibirenga canke ntifate nkankama ibiriko biraba mu gihugu, iyo sentare izoca yifatira ico kibazo mu minwe, ice yikorera amatohoza yongere ihane kuva kubategetsi, abatuma n’abariko bakora ubu bwicanyi buriko buribonekeza mu Burundi.


Alida S.

Messages

  • Mwaramutse ho bashinga ntahe banwanyi ngewe nta bwonzi niba ubu comment yange yagera kuwo yakagobye kugeraho President namugira inama yokureka kwishyiraho amaraso yabaturage akarekura kuko nabwo amaraso arikumeneka atazabura kuyabazwa ndangije nsabira Burundi amahoro

  • kuvyakuri ahubwo sentere mpanavyaha mpuzamakungu niyifatire ikibazo mumunwe ereka kuguma yizera uburundi ngoharico yokora kuko abobihagaritse nibo bariko babikora izuba ryaka hamwe nijoro impanuro zivirwa ntibazumva ahubwo nakagaye karimwo ukuntu basigaye baza ijoro kurasa abanyagihugu nkivyaraye bibaye munyakabiga nagahomera munwa sentare izoza gukinga aruko twamaze guhona?garukira uburundi kuko igituma batwica ni mandat 3 nayo kuyirekura botuma bapfa urumva turacahonye natwe ntituvyemera mpaka kuwanyuma

  • Ikibazo Aho Nye Abashuye Ba Banywarumogi Kwica Kwongerako Guturira Umuvyimba Utariko Urarwana Emwe Arya Mafoto Bayashire Mugahanga Ka Paci Vital Rufyiri Leonce Rwasa N.Abandi Bajane Irahe None Rirya Nikimwe Bita Gufatanwa Itonga Ntarindi Tohoza Rizobamwo Leta Nayo Nibaze Ko Muri Rusange Yarihanganye N.Abaporisi Naho Bavuzweko Vyinshi Bazoraba Barya Bavundiye Mu Bitaro Nibo Bikomerekeje Canke Bariteye Amabuye ? Ngira Ni Za Mbonerakure Zayabateye Reka Turindire Turabe Bacumugani Ngo Urucira Mukaso Rugatwara Nyoko Ivyapa Mwanditse Y.Abazoja I Lahe Muraraba Uruhigi Ntiruzohave Rubahindukirira Impanuro Ko Leta Yari Yemeye Kubakurako Ivyo Vyaha No Gufungura Abafunzwe Ikebuke Ikebuke Ikebuke

  • Mwebwe ko muvuga uko ntabwo mwigamvye muvuga ko mwaturiye imbonerakure. Yazanywe nabakora mwiperereza?none amatohoza arerekana ko atari imbonerakure kandi namwe muravyemera none ababamye ngo muturire abantu nibabibazwe rero kandi nababikoze bacibwe igihano c’urupfu.ayo mashirahamwe ko yavuga ngo umuntu afashwe mpiri ntakicwe none uwo mwaturiye yaturiwe ariko ararasa?ahaaaa,abahutu basubiye kuja baturirwa nka kera mu mapine

  • Erega mu burundi ubu ntamategeko ariyo umumwe akora ivyo yiyuviye nabari ku yubahiriza nibo bayarengako umunyagihugu wewe yoyubahiriza gute ??Nkuruziza na bacamanza nigi polici bayarenga wocuza ubwira jewe ndayubahirize wewe uyazi uyarenga kimwe ubu mu burundi ntamategeko ariyo umwumye akora ivyo yiyuvamyo barya nabo bapfa ni Nkuruziza yobibazwa na barya bacamanza ntabandi

  • nukur dusaba ko batorinda guhaguruk twebwe nyen twumvikane dutorer umuti iki kibazo

  • yooo,nimudufashe muhane ivyo bisimba ngo ni abantu,vyica vyarangiza bigaturira abantu.

  • Ahahahaaaa!Paci&Minani,Ngaho Gacaca.

  • We safari Emmy reka kwigira incabwenge rutura.I burundi hariho amategeko.
    Ngusobanurire.Peter Nkurunziza ntaco azobazwa.Ntakosa narimwe afise.ahubwo abo bamukumira ngo nta beneficie de ses droits kubera agasuzuguro ma mepris nibo baguye muri pieges.Bibajije ngo ni ibitangaza ngo bashobora gukora ivyo bifuza ngo ntamategeko abaho i burundi baroha abana imisore mwibarabara gatoyo iyo miyabaga sans encadrement barica au point bicishije umuriro izuba ryaka..Pacifique et consorts nibanyaruke kwitaba CPI.Bigira ngo bazi ubwenge mais nasanze banduye ya ngwara yaba maribobo batazi ico itegeko rivuga..Utumye umuntu igikorwa cokugumuka mukwirikirane ntagire ama degats ko au bout du compte le responsable ni uwatumye.Ndanezerewe ko PACI fique azoronka icirwa

  • Abapfa barikobincwa na nkurunziza nabakokeza ngo ntacabazwa IMANA ihora ihoze niyo yihaniya farao nebukadinezari nabandi;goriati yaruta nkuru mugaba murazi uko vyageze .barundi ntihagire uwukokeza kuko azoba yishe nkimbonerakure .iyo staba icokiringo ca gatatu uburundi bwobsye paradise.bizohera ntavyaruta aba sans echeque.MANA FASHA ABARUNDI.

  • Niko ni bagerageze babikwirikiranire hafi guko aho bigereye ibikorwa nibivugwa kumaradiyo birateye akoba.sentare irabe ikorere no kumajambo amwamwe ashobora gusubiza igihugu mundyane zifatiye ku moko mugihe tuzi kwivyo vyagejeje uburundi habi tutifuza kongera kubona. Aho bigereye ikibazn kiratomoye abakina politike ni bagitorere inyishu mu nzira nziza amategeko akurikijwe bizobahesha iteka biheshe iteka igihugu mu makungu

  • Uyo mukecuru yibaza ko abarundi batazi ingene CPI ikora!abishe abantu muri irak,soudan,.....10millions zaguye i congo yibaza ko ico gihe amategeko atabaho!nabarire ba Boss biwe baze tubahe kuri NICKEL yI Musongati,mugabo bareke kuturyanisha ngo tumarane.

  • Abantu Bashikiriza Ivyiyumviro bamwe bamwe nobasaba kuvuga make. Mbe uwiyumvira ko abarundi turi impumyi ni nde? " Tout coule,on ne se baigne jamais dans une même rivière." Ntabwiye umwe mbwiye uwundi. Gusa "nyamubura ikimuhanura,nyamubura ikimuhamba." Impera ya vyose Rurema arengeye ivyo vyose twiyumvira.

  • manirakiza gusa niba warize so yataye amahera y ubusa uteye isoni

  • ariko jew harabantangaza!!!ninde ari hejuru yamategeko?!ahubwo niyihutire kumuhamsgara hama ahamvye abandi ba president iyo baruhukiye.

  • Hmwe Yobikora Agafata Ikikiazo C’uburundi Muminywe iwe Yoba Akoze Kuko Aho Tugeze Turaruhe

  • Mbe kamana n’abandi basa nawe mwibaza ko inzmga azibuze canke ziva imusongati ,kandi ugomba kubona abo uvuze kandi,nyabuna y’ikorere uz’uronke icowerekanayo.

  • Uburundi Bwishwe Nakagaye Gaturuka Kubaba Bakirongoye .Kuva Nakera Abarundi Twamanye Akagaye Kogukengerana Yatwarituzi Ubwenge Ivyo Biba Vyaraheze None Reka Tuzotwagwe Nabanyamahanga Ivyo Bizotuma Dusubira Kugira Urunani Maze Tubone Umwasi Wacu Ariko Birabaje

  • ndumva iyo sentare ibivuz hageze kk hariho abazana ivyubwicanyi muntumbero yo kuryanish’abarundi,nibateshwe bate

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.