Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yanse kurekura Gbagbo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yanse kurekura Gbagbo (...)

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yanse kurekura Gbagbo ivy’agateganyo

mardi 8 Nyakanga 2015

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikorera i La Haye mu Buholande yanse kurekura ivy’agateganyo Laurent Gbagbo yahoze arongoye igihugu ca Cote d’Ivoire.

Laurent Gbagbo ubu akwije imyaka 70 y’amavuko, yari yasavye gupfungurwa vy’agateganyo kubera arwaye.

Yagirizwa ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu, urubanza rwiwe rwimirije gutangura mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2015.

Laurent Gbagbo yagirizwa ko yakoze ivyo vyaha inyuma yo kwanka kwemera ivyavuye mu matora mu 2010,aho bahiganwa na Alassane Dramani Ouattara arongoye igihugu muri iki gihe.

Abantu barenga 3000 nibo bahitanywe n’ ubwicanyi bwakwirikiye ayo matora.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.