Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha igiye gucira urubanza Bagbo canke (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sentare mpuzamakungu mpanavyaha igiye gucira urubanza Bagbo canke (...)

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha igiye gucira urubanza Bagbo canke imurekure

jeudi 12 Ruheshi 2014

Imbere y’uko iyi ndwi irangira, sentare mpuzamakungu irafata ingingo ku vyerekeye urubanza rwa Laurent Bagbo, namba bamucira urubanza canke bakamurekura.

Mu gihe sentare yomurekura, vyoshobora guhungabanya umutekano w’ico gihugu ca Cote d’Ivoire citeguriye amatora y’umukuru w’igihugu, yitezwe muri uku kwezi kwa Gitugutu umwaka w’2015, akaba afise akamaro kanini cane kuri ico gihugu catabaguwe mu mwaka w’2011, mu kajagari kahitanye abantu bagera ku 3000.
Laurent Bbagbo w’imyaka 69 yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara (crimes contre l’humanité).

Tubibutse ko Laurent Bagbo yafashwe mu kwezi kwa Ndamukiza n’abasirikare bashigikiye Alassane Ouattara, babifashijwemwo n’igihugu c’Ubufaransa, hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Inyuma y’amezi indwi akaba yaciye arungikwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.