Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare mpuzamakungu y’i La Haye yumvirije isura ya mbere mu rubanza rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sentare mpuzamakungu y’i La Haye yumvirije isura ya mbere mu rubanza rwa (...)

Sentare mpuzamakungu y’i La Haye yumvirije isura ya mbere mu rubanza rwa Ntaganda

mercredi 16 Nyakanga 2015

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ikorera i La Haye mu Buholande,yumvirije isura ya mbere mu rubanza rwa Bosca Ntaganda yahoze arongoye umurwi w’abarwanyi barwanira mu buseruko bwa Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Bosco Ntaganda yagirizwa ivyaha birimwo ubwicanyi,gufata abagore ku nguvu no kwinjiza abana mu gisirikare mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo haraheze imyaka irengo icumi.

Iyo sura yashikirije ivyo yagiriza Ntaganda ari inyuma y’igitambaro kugirango ntamenyekane, yavuze ko abarwanyi baje kw’ibarabara yabako biba amafaranga,basambura n’inzu yiwe.

Bosco Ntaganda arahakana ivyaha 18 vyose yagirizwa.
Ivyo vyaha vyakorewe mu karere ka Ituri hagati y’imyaka y’ 2002 na 2003.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.