Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare ya Ajaccio yaciye urubanza rwa Didier Drogba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Sentare ya Ajaccio yaciye urubanza rwa Didier Drogba

Sentare ya Ajaccio yaciye urubanza rwa Didier Drogba

vendredi 28 Ruheshi 2013

Didier Drogba, umukinyi rurangiraranwa w’umurwi wa Cote d’Ivoire yaraciriwe urubanza na sentare y’ubudandaji ya Ajaccio muri Corse, akaba azotegerezwa kuriha amafaranga y’amanyaburaya angana n’ibihumbi 450, akazoyariha ishirahamwe ryubaka amazu ku birarane yari arifitiye inyuma y’aho iryo shirahamwe rimwubakiye inzu y’akaroruhore mu gisagara ca Abidjan. Didier Drogba akaba amenyesha ko azokwunguruza.

Sentare y’ubudandaji yo muri Ajaccio mu bumanuko bwa Corse yemeje ko uretse ayo mafaranga azoriha iryo shirahamwe ryubakisha, azotegerezwa gutanga inshumbusho y’ibihumbi 50 vy’amafaranga y’amanyaburaya kuwari ahagarariye ibikorwa vyo kwubakisha iyo nzu ya Didier Drogba.

Uwo yari ahagarariye ibikorwa vy’urwubako rw’inzu ya Drogba yasavye sentare ko yoshumbushwa kuko mu gihe yari akiri mu bikorwa yabonye abantu bitwaje ibirwanisho baza kumubuza ibikorwa, agasaba guhabwa agashahara kiwe.

Naho sentare yamenyesheje ko Didier Drogba n’umugore wiwe gushika ubu ataco bashimye kubivugako, bazotegerezwa gushira mu ngiro vy’agateganyo iyo ngingo ya sentare.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.