Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sepp Blatter yasubiye gutorwa kurongora FIFA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Sepp Blatter yasubiye gutorwa kurongora FIFA

Sepp Blatter yasubiye gutorwa kurongora FIFA

samedi 30 Rusama 2015

Sepp Blatter yahora arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA yasubiye gutorwa ngo arongore FIFA ku ncuro ya gatanu.

Mu gisagara ca Zurich mu Buswise,Sepp Blatter w’imyaka 79 y’amavuko,yahiganwa n’umuganwa wo mu gihugu ca Jordanie Ali Bin Al Hussein.

Mu kiringo ca mbere c’amatora Blatter yabuze amajwi 7 kugira vyemerwe ko atowe,mu gihe uwo bahiganwa yaronse amajwi 73,ivyatumye baja mu gice ca kabiri c’amatora,umuganwa Ali Bin Al Hussein aca amenyesha ko asokoye.

Mw’ijambo ryiwe,Sepp Blatter yavuze ko umuntu wese akwiye guhanwa ku gatwe kiwe,mu gihe hari abakozi bakuru ba FIFA baheruka guhagarikwa bagirizwa kurya ibiturire.

Luis Figo yakiniye umurwi nserukiragihugu wa Portugal yari mubitoreza ico kibanza ariko yahavuye akuramwo akarenge,yavuze ko umupira w’amaguru uhejeje guhomba,kubera isubira gutorwa rya Sepp Blatter.
Mwomenya ko igitigiri k’inini c’abanyaburaya ari co cari gishigikiye umuganwa Ali Bin Al Hussein.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.