Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashabab baremeza ko aribo bateye ibiro bikuru vya ONU i Mogadiscio - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abashabab baremeza ko aribo bateye ibiro bikuru vya ONU i Mogadiscio

Abashabab baremeza ko aribo bateye ibiro bikuru vya ONU i Mogadiscio

mercredi 19 Ruheshi 2013

Abashababu baremera igitero bagize ku bigo vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Abihevyi b’abasomaliya bava mw’idini ry’ ababisiramu bo mu murwi wa shebab bamenyesheje kuri uyu wa gatatu ko aribo bateye ibigo bikuru vya ONU i Mogadisco.

Inyuma y’uguturitsa ibibombe vyinshi ku murwa mukuru wa Somaliya, n’inkoho nyinshi zurumvikanye muri uyo mwanya, ndetse akaba atawasubiye kumenya impande ziriko ziravurwamwo ivyo birwanisho, kuko igisagara cose zari inkoho gusa zisamirana, nk’uko vyemezwa na bamwe mu banyagihugu baba aho i Mogadishio.

Ico gitero rero kiriyamirizwa n’abatari bake, narirya uyo murwi w’iterabwoba utagera umutwe amashirahamwe mpuzamakungu, yaba ayaharanira agateka ka zina muntu kuko nko mu myaka iheze impunzi zitashobora gufashishwa ikintu na kimwe, imirwi y’abashabab baca babitwara canke bagahana bimwe vy’akarorero umunyagihugu wese yohirahiriye ngo arakiriye imfashanyo.

Umukuru w’abashebab yavugiye kw’iterefone yemeza ko inyuma yo guturitsa ibimbombe baciye binjira gutana mu mitwe nabo bavuga ko badasangiye ukwizera.
Ivyononekaye si bike naho bitamenyekana neza.


Dorine Irambona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.