Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sierra Leone: Bagiye kumara iminsi itatu badasohoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sierra Leone: Bagiye kumara iminsi itatu badasohoka

Sierra Leone: Bagiye kumara iminsi itatu badasohoka

vendredi 20 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu gihugu ca Sierra Leone basubiye gufata ingingo yo kumara iminsi itatu badasohoka, baguma mu nzu mu ntumbero yo gutuza ikiza Ebola, mu gisagara ca Freetown hamwe no mu buraruko aho ico kiza kirwiriye cane.

Iyo ngingo ikaba izoja mu ngiro kuva kuwa 27 gushika kuwa 29 Ntwarante, bikazoba bisa nivyo bigeze kugira mu kwezi kwa Nyakanga ko mu mwaka uheze, ivyo navyo bikaba vyashikirijwe n’umukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe kurwanya ikiza Ebola (NERC), Palo Conteh. Reta hamwe n’abasanzwe bayifasha bakaba bizera ko na bandi batari bwaboneke barwaye iyo ndwara ya Ebola azoba ari akaryo ko kubabona, nk’uko abandanya abisigura.

Mu kwezi kwa Nyakanga umwaka uheze ,abantu bashika imiriyoni 6 nibo bari bategetswe kuguma mu mazu iwabo mu kiringo c’iminsi ibiri, abajejwe intwaro bakaba biyemeje kandi gusubira gukora urugamba rwo kudodora ku muryango umwe umwe mu ntumbero yo kuraba aho hose hari umurwayi waa Ebola yoba yinyegeje.
Imirwi rero ikazobaza abanyagihugu ibijanye n’iyo ndwara hamwe n ;ukuntu boyikingira na cane cane iyo bariko bafuba abantu kuko iyo bagiye bakoranako ari naco gihe banduzanya, kuko hari abanyagihugu babifata minenerwe iyo hageze guhamba ibiziga bakabikorako ataco bikingije bagaca bakaraba canke naho bakajana abarwayi ba Ebola ku bapfumu.

Tubibutse rero ko igihugu ca Sierra Leone kiri mu bihugu bifise ibice binini vy’abafise indwara ya Ebola muri Afrika y’uburengero abo nabo bakaba bashika ibihumbi 12.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.