Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yaciriwe gufungwa imyaka 20 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yaciriwe gufungwa imyaka 20

Côte d’Ivoire : Simone Gbagbo yaciriwe gufungwa imyaka 20

mardi 10 Ntwarante 2015, par IGIHE

Simone Gbagbo , umupfasoni w’uwahoze arongoye igihugu ca Côte d’Ivoire, yaciriwe umunyororo w’imyaka 20 kubera uruhara rwiwe mu myirekano yakurikiye amatora yo mu 2010.

JPEG - 69 ko
Simone Gbagbo umupfasoni wa Laurent Bagbo yahoze arongoye Cte d’ Ivoire

Simone Gbagbo, w’imyaka 65, bimwe mu vyo yagirizwa akaba ari uguhangabanya umutekano w’igihugu, kuvutsa ukugararariza mu banyagihugu. Umugabo wiwe Laurent Gbagbo aracarindiriye kuburanishwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Abashika ibihumbi bitatu bapfiriye mu myiyerekano yakurikiye amatora y’umukuru w’ico gihugu, igihe Laurent Gbagbo yanka kwemera ko yatsinzwe na Alassane Ouattara.

Simone Gbagbo n’umushingantahe wiwe bafashwe mu 2011 bahungiye mu gisagara c’i Abidjan. Abo mu muryango wiwe baravuga ko ico gihano ata butungane burimwo, bakavuga impande zose zakoze ibikorwa bibi zikwiye kujanwa mu ma sentare.
Laurent Gbagbo, we yagirizwa ivyaha bine birimwo ubwicanyi, gufata ku nguvu abagore n’ivangura.


Floxella Karire

Messages

  • Nkurunziza yarakwiy kurabira ngaho kuvyashikiy umuryango wa bagbo kuko ibibi vyose akora ubu canke ibikogwa nabamushigikiy amenye koo ariw numuryango wiw bazovyishura kurya Niyombare yavuniy akogohe. barundi tubandanye kwigumya buraca bugacanayandi

  • Nama nivugira nti isi irazunguka kandi nti isi iyihonyoreko buhoro buhoro kuko niyo izokumira, kandi ngo uworukarisha rwo mumwa , ukora iciza ukagisanga imbere wakora ikibi ukagisanga imbere iyo ba umuntu wese kuri iyi isi yarazi ko isi izunguruka two kwicishije bugufi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.