Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Simone Gbagbo yakuwe i muhira iwe umushingwamanza atabizi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Simone Gbagbo yakuwe i muhira iwe umushingwamanza atabizi

Simone Gbagbo yakuwe i muhira iwe umushingwamanza atabizi

mardi 2 Kigarama 2014

Simone Gbagbo yahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Cote d’Ivoire Laurent Gbagbo yakuwe aho yahora apfungishirijwe ijisho, ajanwa ku murwa mukuru Abidjan aho yari aroye kwumvirizwa n’ubutungane.

Uwo mukenyezi afise imyaka igera kuri 65 y’amavuko, akaba yafashwe inyuma yaho yagirijwe ko yari kumwe n’abandi mu bahungabanije umutekano w’igihugu, ndetse umugabo wiwe akaba ubu abarizwa i La Haye aho apfungiwe kuva mu mwaka w’2011 yagirizwa guhohotera agateka kazina muntu, n’ibindi vyaha birimwo ubwicanyi. Simone Gbagbo akaba yakuwe i Odienné ku birometro bigera 610 km uva ku murwa mukuru ajanwa n’indege, aho vyitezwe ko uyo mupfasoni ari kumwe n’abandi bagera kuri 82 bazobarizwa hamwe.

Ababonye uwo mupfasoni wa Gbagbo ku kibuga c’indege, bakavuga ko yagabanutse ibiro, ndetse naho yagerageza kwifatafata, vyaboneka ko atambukana intuntu. Ariko rero uwuburanira uwo mukenyezi ariwe Rodrigue Dadjé akavuga ko kugeza ubu atazi ingene ubutungane bwamuhamagaje.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.